Umusirikare wese afise igitabu c’inzira (passeport) ku giti ciwe canke ico cose kimwemerera kurenga imbibe asabwa kuba yayisubije bitarenze igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2026.
Abenegihugu benshi ntibari bazi ko umusirikare adatunga passeport ku giti ciwe kiretse abisabiye uruhusha.
Mu nkuru yatangaje benshi muri iyi ndwi turangije ni urwandiko rwashizweko umukono n’uwuramutswa igisirikare c’uburundi Prime Niyongabo, aho yibutsa ko atamusirikare n’umwe arekuriwe gusaba canke gutunga passeport canke urupapuro rumuha uburenganzira bwo kujabuka imbibe z’igihugu ku giti ciwe.

Muri urwo rwandiko, abasirikare baramenyeshwa ko igitabu c’inzira (passeport ) bemerewe gutunga ari ic’akazi naho nyene mu gihe bahamagariwe kurenga imbibe. Ico gitabu c’inzira kikaba gitangwa n’inzego zibijejwe, gisabwe kw’itegeko rya gisirikare hubahirijwe uburongozi.
Urwo rwandiko ruributsa kandi ko atamusirikare yemerewe kwisabira igitabu c’inzira gisanzwe canke ikindi cose comurekurira kurenga imbibe. Nayo uwubirenzeko, aba yisize mu bihano bitegekanwa n’amategeko.
Mw’ishirwamungiro ryo gusubiza ivyo bitabu vy’inzira bisanzwe ku babifise, abakomanda n’abajejwe ibikorwa mu gisirikare basabwa kubikorana ubwira (strict respect) y’ivyashikirijwe.
