Ko mububiko bw’ibirwanisho atamuyagankuba bacishayo canke ko demokarasi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiye kurwanira ari imwe n’iya Rwasa zose ni inyishu zatanzwe n’umukuru w’igihugu mu kiganiro yahaye Yaga Burundi.
Kuri uyu wa gatandatu umukuru w’igihugu yaragize ikiganiro kuri Yaga arishura utubazo tutari duke bamubajije aho ikibazo cuguruye ikiyago cavuga kiti “Mbega kuba umukuru w’igihugu yari indoto canke n’ibintu wisanzemwo” ivyo umukuru w’igihugu yishuye avuga ko kuba indongozi atawirirwa arabirota kuko umuntu wese ashobora kurongora abandi.
Mukibazo yabajijwe aho umumenyeshamakuru yipfuje kumenya ko demokarasi umukuru w’igihugu Evariste yagiye kurwanira mw’ishamba ari imwe niyo Rwasa, Nyangoma canke Toutautre nabo bagiye kurwanira, umukuru w’igihugu yishuye ko demokarasi ari imwe yaba iyo Rwasa yarwaniye canke Nyangoma..
Ku kibazo c’uko Bunyoni azosubizwa amatungo yiwe nk’amazu 153 yari yafashwe igihe yari muburoko Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu yishuye ko icaha Bunyoni yakoze ko kitafuswe n’ubwo yarekuwe.
Nayo kuvyerekeye Christian Butoyi bivurwa ko afunzwe kandi arwaye mu mutwe aho yagirizwa ko yishe ababikira bo mukamenge kwa Buyengero, umukuru w’igihugu yishuye umumenyeshamakuru ko kugira uvuge ko umuntu arwaye mu mutwe ubanza kumupimisha, muganga akaba ari we avuga ko arwaye mu mutwe. Umumenyeshamakuru yaciye yungikanya amubaza ko Christian yoba yarapimwe ivyo umukuru w’igihugu yishuye ko abumva babifisemwo inyungu ari bo bobikurikirana.

Ku kibazo c’urwaruka ruguma rwigira hanze Evariste Ndayishimiye yishuye ko gupagasa ari umugenzo kandi ko vyamyeho ko abantu baja hanze. Nayo muguhanura abarundi ko borondera ico bakora biciye mu ngabirano zabo Evariste Ndayishimiye yatanze akarorero ko wewe ingabirano yiwe yayisanze mu giterwa c’ikizinu.
Umumenyeshamakuru wa Yaga yarashatse kumenya nimba ya ndege irerura umukuru w’igihugu yama ivurwa ko imaze imyaka irihirwa ikibanza ihagazemwo ko yoba ikiri muri garage, ico umukuru w’igihugu yishuye ati: “N’ubu genda i Madrid uzoyisangaho” Umumenyeshamakuru yaranamubajije icoba kibuze basi ngo igurishwe amahera akoreshwe ibindi umukuru w’igihugu akaba yishuye ko yigeze kuvyiyumvira nawe aca yibuka ko abarundi bakara bohava bavuga ko yabaririye indege.
Kw’isanganya ry’ibirwanisho vyaturitse mu gisagara ca Bujumbura ububiko bwavyo bugasha bugatokombera, bakavuga ko ari isanganya ryakomotse ku muyagankuba, umukuru w’igihugu yishuye ati: “Nagira ndakubwire ko harya ata muyagankuba ubayo je naratwaye kirya gisata kiraba ibijanye n’ibirwanisho urabizi n’ibintu nzi, n’ahantu naguma ngendera ndahazi, ikintu ca mbere kizira ahari mwene birya nta muyagankuba ujaho.”

Ku kibazo c’uko azokwitoza Evariste Ndayishimiye yishuye ko mu mugambwe CNDD FDD atawigira ahubo aragirwa, ko vyose bica mu nama, yongera avuga ko yibaza mbere ko umugambwe CNDD FDD ari wo mugambwe wa mbere urimwo demokarasi ikomeye, ibi akabivuga kuko muri uyu mugambwe mu gutora uwuzoba umukuru w’igihugu babanza kwiga ubutwari bw’umuntu.
Mu gusigura iyongerezwa ry’ingano y’ikiringo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi aho cavuye kumyaka itanu kija ku myaka indwi, umukuru w’igihugu yavuze ko ibi ari ngirakamaro kuko uwutwara aca aheza ico kiringo akoze ikintu kiboneka, aha umukuru w’igihugu yaciye atanga akarorero ko nk’ubu we azoheza ikiringo asigiye abarundi ikibuga c’umupira w’amaguru gishemeye(stade) hamwe n’ikirimba c’umukuru w’igihugu gitunganije neza.
