Politike

Urwarwamo rw’amasasu rwinshi rwumvikanye i Bujumbura rwahitanye abantu 13

Urwarwamo rw’amasasu rwinshi rwumvikanye i Bujumbura rwahitanye abantu 13 harimwo 54 basanzwe (civiles) n’abasirikare 3 barakomeretse, ibikoresho n’inyubakwa za gisirikare vyarasambutse ibindi biratokombera.

Gaspard Baratuza, umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 01 Ndamukiza 2026.

Gaspard Baratuza amenyesha ko naho iryo sanganya ryashitse, urwego rwo kwivuna abansi rukahatakariza ibikoresho, Uburundi ngo buhagaze neza mu bijanye no gukingira bene Burundi hamwe n’ivyabo.

Gaspard Baratuza akaba yamenyesheje kandi ko urwo rwego ruhojeje imiryango yaburiye ababo muri iryo sanganya, rukipfuriza gukira bidatevye abakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye.
Aha yabandanije asaba abarundi kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda. Uwo wese yobona ikirwanisho kitaturitse ahamagarirwa kubimenyesha abajejwe intwaro canke umutekano kugira bahamagare abafise ubuhinga n’ubumenyi mu kubikura iruhande abanyagihugu ataco vyononye.

Iri sangaya ngo ryavuye ku muriro wadutse mu bubiko bw’ibikoresho vya gisirikare, mw’ikambi iri muri zone Musaga ya komine Mugere.

Nagaciro

Photo: ©Iwacu

Muri urwo rukurikirane

Itegeko rishiraho ama sentare n’amaparike ntirirashirwa mu ngiro

End End

Ishirahamwe ALUCHOTO rivuga iki kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi?

Yves RUSERUKANINEZA

PARCEM ibona ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bikwiye kujana no kubegereza amafaranga.

End End

OLUCOME rihanura iki abategetsi b’Uburundi ku munsi wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi?

Yves RUSERUKANINEZA

Butanyerera: Musitanteri wa Busoni yatunganirije umworozi yari yaciwe ihadabu rirengeye n’umukuru wa zone Cumba

End End

Uburundi ni bwo bugifise ibiciro vy’ivyankenerwa biri hejuru mu bihugu vyo mu karere.

End End

Leave a Comment