Politike

Sandra Muhoza na Kenny Claude Nduwimana, abamenyeshamakuru bahora mu mvuto baraye mu miryango yabo.

Kuri uyu wa 04 Ntwarante 2026, ni akanyamuneza mu muryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi aho abari bapfunzwe baraye barekuwe vy’agateganyo.
Sandra Muhoza yari yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka 4 aho yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Ni mu gihe yari yapfunzwe azira ikiyago cabereye mu mugwi WhatsApp yahuriramwo n’abandi bamenyeshamakuru ku nkuru yatohojwe basanga cari igihuha. Hari muri Ndamukiza 2024.
Nayo Kenny Claude Nduwimana yari yafashwe muri Gitugutu 2023 yagirizwa gucapfuza inzego hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi. Nduwimana akaba yari yafashwe ari umumenyeshamakuru akongera akaba n’umuyobozi b’ikimenyeshamakuru

YAC_TV.

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Umusirikare wese afise igitabu c’inzira (passeport) mu Burundi ategerezwa kuba yabisubije gushika ku 10/02/2026

End End

Bujumbura: Ibitaro Prince Régent Charles biramutswa umuyobozi mushasha

End End

Burundi: Leta ivuga iki ku rupfu rw’umushikiranganji Gabby Bugaga?

End End

Uburundi ni bwo bugifise ibiciro vy’ivyankenerwa biri hejuru mu bihugu vyo mu karere.

End End

OLUCOME rihanura iki abategetsi b’Uburundi ku munsi wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi?

Yves RUSERUKANINEZA

Bimwe mu bibazo nkora mutima umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaganiriye na Yaga Burundi

Ruy NKEMMA

Leave a Comment