PolitikeUbutungane

Itegeko rishiraho ama sentare n’amaparike ntirirashirwa mu ngiro

Itegeko rishiraho amasentare n’amaparike ntirirashirwa mu ngiro kandi ririko rizana ingaruka mbi mu benegihugu bitura ubutungane.

Ivyo vyashikirijwe na Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ALUCHOTO kuri uyu wa 08 Ndamukiza 2026 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Vianney Ndayisaba avuga ko itegeko ryashizweko umukono n’umukuru w’igihugu kuwa 12.3.2026 ariko ngo ukwezi kugira kurangire ritaraja mu ngiro. Ingingo ya 12 y’iryo tegeko ivuga ko ibitandukanye n’iryo tegeko bihagaze. Muri ALUCHOTO bati: ” Tubona ko guhera itariki 12.3.2026, ama sentera n’ama parike yose akukira intara n’amakomine vya kera ibikorwa vyarahagaritswe. Mu mategeko ntibikibaho”.

Vianney Ndayisaba yamenyesheje ko kuri uyu wa 8.4.2026, hasigaye imisi 4 ukwezi ngo guhere amasentare n’amaparike ya kera vyarafuswe. Igitangaje ngo ni ukuntu ivyo vyafuswe n’itegeko rishasha bibandanya bikora bikakira abenegihugu, bagaca imanza ndetse n’amaparike ngo abandanya afata n’ingingo zo gupfunga no gupfungura abantu kandi atabubasha bagifise. Aha ngo bisunga ingingo igira 8 yo mw’itegeko n°1/26 yo kuwa 26 Kigarama 2023 isubirira iyo kuwa 17 Ntwarante 2005 ishinga igitabu c’amategeko agenga itunganywa n’ububasha bwa Sentare. Iyo ngingo ikaba ivuga ko amasentare n’ivyicaro vyayo hamwe n’igitigiri bishirwaho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu bigaca bitangura gukora.

Muri ALUCHOTO bamenyesha umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’ubutungane n’umukuru wa Sentare ntahinyuzwa ko hisunzwe ingingo ya 10 y’itegeko rishasha bagiye mu gacerere mu gihe uyu musi ata nzego z’ubutungane zihari zemewe n’amategeko. Aha abandanya avuga ko amasentare n’amaparike mashasha ngo ntabayarongoye, ntabacamanza n’aba “magistrats” barigera bashirwayo.

Muri ALUCHOTO bakebura umushikiranganji w’ubutungane, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa, bongera bamenyesha umukuru w’igihugu ko horonderwa abanyamategeko kugira bashirwe muri ivyo bibaza. Aha Vianney Ndayisaba asaba ko boca bahabwa ibikoresho n’uburyo bikwiye.

Muri ALUCHOTO bakibaza Ingingo ziriko zirafatwa n’amasentare n’amaparike atandukanye yahahora, izina zizokwitwa.

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Bujumbura: Ibitaro Prince Régent Charles biramutswa umuyobozi mushasha

End End

Igihugu ca Kenya giheruka guta muri yompi umuntu yagirizwa gushora abanya Kenya kurwana mu burusiya

Ruy NKEMMA

Butanyerera: Musitanteri wa Busoni yatunganirije umworozi yari yaciwe ihadabu rirengeye n’umukuru wa zone Cumba

End End

OLUCOME rihanura iki abategetsi b’Uburundi ku munsi wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi?

Yves RUSERUKANINEZA

Senegal yahanywe bikomeye kubera amakosa yakoze mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’umupira w’amaguru ca Afrika

Ruy NKEMMA

Urwarwamo rw’amasasu rwinshi rwumvikanye i Bujumbura rwahitanye abantu 13

End End

Leave a Comment