Utuntu n'utundi

Imbonakazoza y’Uburundi(2040-2060) itunganije gute?

Turakunze kwumva kenshi mu ntwaro n’inzego zitandukanye z’igihugu hayagwa imbonakazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060. Mbega woba uzi ihangiro y’iyo mbonakazoza? Imigambi abarundi bahamagariwe kurangura mw’iyo myaka ni iyihe? Iyo mbonakazoza bazoyishikako bisunze iki? Ngivyo bimwe mu bibazo bamwe n’abandi bakunze kwibaza twagerageje kubatohoreza mw’ino nkuru dukesha ikinyamakuru Yaga.

Uburundi buri mu nzira y’amajambere. Inyuma y’aho bwihaye ihangiro ry’ugushika mu mwaka wa 2025, ubu bwarateye intambwe bushinga umugambi w’imbonakazoza ya 2040-2060. Twerekeza ku gihugu cifashe kandi giteye imbere. Umurindi tugezeko n’umukuru w’igihugu arawishimira ko turi mu nzira nziza. Abarundi twese turi ku kivi. Yamara si twese tuzi ido n’ido ry’iyo mbonakazoza.

Iyo bavuze igihugu cifashe mu 2040 umuntu yotegera iki? Ni uko Uburundi buzoba bugeze aho burangwa n’iterambere ry’ubutunzi (bonnes performances macroéconomiques), umutekano wa politike n’inzego (stabilité politique et institutionnelle), icuka ciza gituma harwizwa imitahe (climat favorable aux investissements) n’iterambere ridasanzwe ry’igisata c’amahinguriro. Kugira dushike kw’ihangiro ryo kwitwa igihugu cifashe tubwirizwa guhindura vyinshi mu mibereho n’ivyiyumviro vyacu, kuko ukwifata kw’ubutunzi bw’igihugu bupimwa ku rugero rw’ingene abenegihugu binjiza amafaranga ababeshaho (produit intérieur brut plus élevé), ku kuntu igihugu gihinyanyura indinganizo y’ubutunzi bwaco (transformation progressive de leur structure économique).

Iterambere ry’igisata c’ubutunzi ntiryijana mu mbonakazoza y’igihugu: hariho canecane icipfuzo c’uko “umunwa wose ugira ico urya, umufuko wose ukagira amahera”. Imbonakazoza rero turimwo ijana n’ubuzima bwisununuye bw’abenegihugu mu mpande zose zigize ubuzima bw’umuntu.

Ibitigiri abarundi bipfuza gushikako mu mbonakazoza ya 2040-2060 ni ibi :

Ku vyerekeye igisata c’amagara y’abantu ihangiro ni uko umurundi wese yokwizera kubaho (espérance de vie) imyaka mirongo itandatu n’ine muri 2040 n’imyaka mirongo umunani muri 2060 ;
Ku vyerekeye irondoka, turipfuza kugira umuvyeyi wese yibaruka abana batatu gusa muri 2040 n’abana babiri mu mwaka wa 2060, abahitanwa n’imbanyi nabo bogera munsi ya 70 ku mbanyi 100000 muri 2040 na munsi ya 50 ku mbanyi 100000 muri 2060 ;
Ku vyerekeye ubutunzi, umushahara w’umwenegihugu wese ku mwaka (PIB) wogera ku madolari y’abanyamerika ibihumbi bibiri n’amajana atanu muri 2040 n’ibihumbi bine n’amajana atanu y’amadolari muri 2060 ;
Ku vyerekeye gufungura neza, ibice 90 kw’ijana vy’abarundi boba bafungura neza muri 2040 n’ibice 98 kw’ijana muri 2060 ;
Ku vyerekeye ukuronka umuyagankuba, abarundi bose ijana kw’ijana babwirizwa kuronswa umuyagankuba gushika muri 2040 ;
Gukoresha telefone vyogirwa n’ibice 75 kw’ijana vy’abarundi muri 2040 n’ibice 85 kw’ijana muri 2060 ;
Gukoresha uburyo bushasha bwo gutumatumanako amakuru (internet) bizoba vyega abarundi bashika ku bice 90 kw’ijana muri 2040 n’ibice 95 kw’ijana muri 2060.

Ivyo vyose bizoshikwako bivuye ku bintu bitanu nyamukuru :

igice kinini c’urwaruka kigize abenegihugu (population jeune), amasôko ntanganguvu (ressources énergétiques), ubutare (ressources minières), ivyimburwa bihingurirwa mu gihugu, be n’ubutunzi bw’iratiro bukwega ingenzi.

Abajejwe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’imbonakazoza ni urwego rw’umukuru w’igihugu rufadikanije n’urw’umushikiranganji wa mbere wa Reta.

Abarundi bose barahamagariwe kugira rwabo imbonakazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060. Nta wokwigira sindabibazwa kuko iterambere ni itunga rusangi. Tumenye imbonakazoza, tuyitahure twongere duharanire kuyirangura.

Muri urwo rukurikirane

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ukurwana mu nda bifise akamaro kanini ku mubiri

Ruy NKEMMA

Ibimenyetso icumi biranga umuntu w’incabwenge

Yves RUSERUKANINEZA

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Terry fox umunya Canada yiguze abarwayi ba kansere yo mu kuguru n’ubu aribukwa mu mice myinshi y’isi

Ruy NKEMMA

Leave a Comment