Mbega wari uzi ko ba bavyeyi bankira abana kwubakana iyo bikundaniye bibagirako ingaruka mu busaza? Ingo turabire hamwe ingingo icenda zituma umuntu asaza anezerewe.
Ugusaza uhimbawe, unezerewe n’ubuzima ntivyizana bironderwa ukiri muto. Abahinga bahanura ingendo zishika kuri 9 umuntu yogira umuziro akiri muto kugira azobe umutama canke umutamakazi ahimbawe.
“Ubusaza bunyaga ubugabo”, ni ko umugani w’ikirundi ubivuga. Ku myaka 60 n’iyirenga si bose boroherwa n’ubuzima. Bamwe ngo barata icizere, ubuzima bukabarambira, akanyamuneza kagahera. Kugira usazane akanyamuneza, hari ingendo ubwirizwa kwitwararika kugira umugenzo ukiri muto.
Mu cigwa Magali Caille, umuhinga yanonosoye ivyigwa bijanye n’inyifato (Psychologie) akongera akaba n’umuntu yitaho ivy’imigenderanire y’abantu, iki cigwa yagikoze ku bantu benshi bashaje biboneka ko banezererewe imyaka y’ubusaza yabo, ngo yasanze aba bitabaguyeko giturumbuka ahubwo arivyo bahisemwo kandi bagategura kuva bakiri bato.
Hari rero ingeso icenda umuntu abwirizwa kugira umuziro kugira azosaze ahimbawe.
Ubwambere(1) ngo mu buzima si vyiza kwemera ivyarivyo vyose. Kurondera kunezereza umuntu wese biruhisha umuntu ubwiwe. Vyiza ni ukwiga kuvuga ego mu gihe gikwiye, canke oya mu gihe gikwiye nyene. Bituma umuntu adata inguvu ziwe mu bitagira akamaro canke mu kunezereza abandi.
Ica kabiri(2) cokugira umuziro ukiri muto mu gihe ushaka kuzosaza uhimbawe ni ukwama urindira ko abantu bashima ico ushaka gukora. Ibi vyerekana ko utifitiye icizere. Hari aho bikenerwa ko umuntu asaba ico abandi babivugako n’ikindi gihe umuntu ivyo bitabwirizwa kumutesha umutwe, kuko agaciro k’umuntu kenshi kava kuri we. Umuntu rero yiyemera arafise amahirwe yo kubaho atabimumena umutwe, bituma umuntu abaho yidegemvya mu bwigenge ntangere.
Ubwagatatu(3), si vyiza ko umuntu yamana imyidogo n’ukwicuza ku vyo aba ariko aracamwo. Kahise k’ivyo ducamwo kenshi kadusigamwo ibikomere, ariko iyo ushaka kubaho unezerewe wirinda kwama uriko uricuza ku vyabaye canke ku makosa wakoze muri kahise kuko bituma umuntu yibagira kunezerererwa uburyohe bw’akubu.
Ingeso ya kane(4) yo kwirinda ni ugushaka kugenzura ibintu vyose. umuntu ntashobora gutahura ibintu vyose, kandi ntashobora kubigenzura uko ashaka. Ushaka kubaho neza mu busaza yemera ko hari ibimusoba, ivyo adashoboye bitamutera uruhagarara ahubwo abirekera ababishoboye. Iki cirwa cerekanye ko kenshi abavyeyi bagerageza kurondera kugenzura vyose ku bana babo gushika no ku mahitamwo y’abana babo, bigatuma bibaruhisha bikabatera umudurumbanyo muri bo.
Hari ikindi rero ca(5) co kugira umuziro, ni ukwama umuntu arondera kwigereranya n’abandi. ibi biragabanya umunezero n’ukubaho neza. Ushaka kuzobaho neza mu busaza ngo ugerageza kwiyubaka ukwawe, atawe utako umwanya wigereranya nawe, utarondera kwinjira mu buzima, imibereho, ubutunzi, bw’abandi ahubwo ugatahura ko umwe wese afise uko abwirizwa kubaho bitandukanye n’ivyawe.
Ikintu ca gatandatu(6) co kwirinda ni ugufata minenerwe ihindagurika ry’umubiri. Uko umuntu akura niko umubiri uhindagurika, abatama n’abatamakazi bari mu myaka ya 60 na 70 babayeho banezerewe ngo benshi muri bo baritayeho cane amagara yabo mu kwirinda imfungurwa zimwezimwe, mu kutishinga ibihindura urukoba, ahubwo bakagira umugenzo wo gutambuka imisi yose, ugufungura neza n’ukuruhuka igihe bikenewe.
Ubw’indwi(7), umuntu arahamagariwe kwirinda ibiyago n’imishamirano idakenewe. Abantu bashaje banezerewe ngo benshi baragize umugenzo ukuvuga ibikenewe mu mwanya ukwiye. Ntibisigura ukunumirana iyo hari ico mudahurijeko n’abandi ahubwo ukuvuga iyo bikenewe kuko vyo bibatuma batibikamwo inzigo ahubwo bagashira ahabona uko babona ibintu ataco bibitsemwo.
Ikintu c’umunani(8) co kwirinda ngo ni uguhahamira ibintu vy’umurengera utanakeneye. Kugira irari ry’ubutunzi navyo ngo biri mu bintu bituma umuntu asaza ababaye. Umugenzo mwiza abasaza bahanura ni uwo kurondera itunga rikwiranye n’ivyo ukeneye mu buzima aho kwegeranya ibintu bitagufitiye n’akamaro. Aba batama n’abatamakazi bahanura ko umuntu yokwitaho ahubwo kugira ibintu vyiza aho kugira ibintu vyinshi; bidasigura kurera amaboko ngo nturondere ibigutunga ahubwo kurondera itunga rigutuma utunganirwa mu bawe no mu vyawe.
Ic’icenda(9) arico ca nyuma co kwirinda ni ukwibaza ko ibintu vyose ubizi utagikeneye kwiga. Abatama bayaze n’uyu mushakashatsi bamubwiye ko naho bashaje baguma barondera kumenya ibintu bishasha, bagasoma ibitabu, bakagerageza gukora utuntu dushasha mbere ngo bakanitwenga iyo hagize ikibananira. Muri make mu bijanye n’inyifato, umuntu ntiyigera aheza gukura, vyiza aguma arondera kumenya, n’ugukora utuntu dushasha bimutuma arekana n’ivyahise akitaho ivy’akazoza.
#Nagaciro
Inkomoko: Saint et Naturel.Ouest France
