AmagaraUtuntu n'utundi

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Syndrome d’auto-brasserie/auto-brewery syndrome ni ingwara ituma haba ivumbuka ry’urugero rw’inzoga mu mubiri wa muntu. Iyi ndwara ifata umuntu mu kaborerwe kadasanzwe kandi atigeze asoma n’akama kamwe k’inzoga. Ubundi nk’uko tubizi, umubiri usanzwe ukenera inzoga (alcool) maze ugaheza ukayihingura mu bifungurwa dufungura. Iyi ndwara rero ituma umubiri uhingura umwambiro mwinshi urenze urugero maze umuntu akaca aborerwa atasomye.

None iyi ngwara hari abamaze kuyirwara kw’isi?

Ni vyo vyashikiye Ray Lewis umubirigi w’imyaka 40 aherutse kwezwa n’ubutangane aho yariko yagirizwa kugendesha imodoka yaborewe. Amaze guhakana ivyo yagirizwa, abaganga bahavuye bamupima bamusangana iyi ndwara y’amayobera.

Ubwambere bimubako yagize isanganya igihe yariko aranyonga imodoka, aza gutora ubwenge yamaze gushika mu bitaro, kandi atari yigeze asoma. Aho hari mu mwaka wa 2014.

None iyi ndwara iterwa n’iki? Nk’uko ikinyamakuru BBC kivyandika, indwara iterwa n’udukoko twa bagiteri(bacteries) tuba mu rura rukuru tugafatira mu kanwa no mu dusaho tw’umukoyo. Utu dukoko rero dufata indya z’ifu zirimwo amidon canke isukari tukayambira igacika nk’inzoga.

Iki kikaba arico twita ukwenga inzoga kubera imbere mu mubiri (production endogène). Imwe mu migera itera iyi ndwara ikaba yitwa fungus saccharomyces.

Ibi rero biraheza bigatuma umurwayi yerekana ibimenyetso vy’imborerwa, atangura avuga amajambo, akagenda arandika umunani atananyoye na duke kandi akagira intege nke. Iyi ndwara rero yatanguye kuboneka mu mwaka wa 1940 mu gihugu c’Ubuganda.

Iyi ndwara n’ubwo idacagura abayirwara, abashobora kubangamirwa cane ni abasanzwe bagwaye indwara nk’igisukari, ubuvyibuhe burenze urugero n’ubushe bwo mu rura.

Muri urwo rukurikirane

Aheruka kwibaruka ku myaka 91 ibiriko bitangaza abatari bake

Ruy NKEMMA

Ukurwana mu nda bifise akamaro kanini ku mubiri

Ruy NKEMMA

Ingendo zishika kuri 9 umuntu yogira umuziro akiri muto kugira azosaze ahimbawe

Clovis NIYONKURU

Hoba hari itegeko ribwiriza abubakanye kurangura amabanga mpuzabitsina?

Davy IRACADUKUNDA

Imvo abahinga bavuga zituma ukugumbaha ku bagabo kuguma kwiyongera

Yves RUSERUKANINEZA

Mariya Madalena wo mu gitabo ca Bibiliya benshi bakunze kwihendako ni nde?

Davy IRACADUKUNDA

Leave a Comment