Kuri uyu wa 04 Ntwarante 2026, ni akanyamuneza mu muryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi aho abari bapfunzwe baraye barekuwe vy’agateganyo.
Sandra Muhoza yari yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka 4 aho yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Ni mu gihe yari yapfunzwe azira ikiyago cabereye mu mugwi WhatsApp yahuriramwo n’abandi bamenyeshamakuru ku nkuru yatohojwe basanga cari igihuha. Hari muri Ndamukiza 2024.
Nayo Kenny Claude Nduwimana yari yafashwe muri Gitugutu 2023 yagirizwa gucapfuza inzego hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi. Nduwimana akaba yari yafashwe ari umumenyeshamakuru akongera akaba n’umuyobozi b’ikimenyeshamakuru
YAC_TV.
