PolitikeUbutunzi

Uburundi ni bwo bugifise ibiciro vy’ivyankenerwa biri hejuru mu bihugu vyo mu karere.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yabishikirije kuwa 06 Ntwarante 2026 mu kiganiro iryo shirahamwe ryahaye abamenyeshamakuru.

“Ugifise ibiciro bitari musi y’ibice 10%, ubutunzi bwawe buba burwaye”. Mu gihe icegeranyo cerekana ko iduga ry’ibiciro riri ku bice 21% mu Burundi, Faustin Ndikumana asigura ko aho abanyagihugu baba bari mu bibazo bikomeye mu bijanye n’ubutunzi.

Nayo ngo mu karere, igihugu c’u Rwanda iduga ry’ibiciro riri kuri 4,8%, Ouganda kuri 3%, Kenya ni 4%, Tanzania ni 3% mu gihe Uburundi ari 21%. Muri PARCEM bavuga ko bidatahuritse igituma bimeze uko mu gihe ideni ryo hagati mu gihugu Reta ifise ryiyongereye gushika ku bice 16%.

Faustin Ndikumana asigura ko ubutunzi bw’igihugu butagaragarira ku mahera igihugu gikora ariko ko bwerekanwa n’umwimbu wiyongera abantu babanje gukora.

Nayo mu bituma ivyo biciro biduga, Faustin Ndikumana avuga ko ari uko ibice 70% vy’ibidandazwa abarundi bakoresha ngo vyinjira biciye kw’isoko ibangabanganywe. Muri PARCEM bakibaza ico amafranga mvamakungu yo muri BRB akora.

Muri iryo shirahamwe bagasaba ko ibanki nkuru y’igihugu yotunganya neza ibijanya n’amafaranga mvamakungu kugira abarundi bayaronke vyoroshe kandi ku giciro kimwe.

#Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Ishirahamwe OLUCOME ribona gute ivyakurikiye inyuma y’uko imyaka 13 iheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiye?

End End

Sandra Muhoza na Kenny Claude Nduwimana, abamenyeshamakuru bahora mu mvuto baraye mu miryango yabo.

End End

Bujumbura: Ibitaro Prince Régent Charles biramutswa umuyobozi mushasha

End End

Umusirikare wese afise igitabu c’inzira (passeport) mu Burundi ategerezwa kuba yabisubije gushika ku 10/02/2026

End End

PARCEM ibona ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bikwiye kujana no kubegereza amafaranga.

End End

Igihugu ca Kenya giheruka guta muri yompi umuntu yagirizwa gushora abanya Kenya kurwana mu burusiya

Ruy NKEMMA

Leave a Comment