IbidukikijeUtuntu n'utundi

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

N’ubwo mu buzima bwa minsi yose umuntu azwi ko ari we yica isi mu kwonona ibidukikije, hari n’abandi batanga icizere mu gukora ibintu bitangaje vyo kubungabunga ibidukikije.

Sebastião Ribeiro Salgado ni umugabo w’umufaransa aba mu gihugu ca Bresil, akaba ari n’umumenyeshamakuru ajejwe ivy’amasanamu, akaba yamenyekaye cane ku mugambi yakoze wamutwaye imyaka mirongo ibiri kugira awushikeko.

Sebastião Ribeiro Salgado igihe yatangura umugambi wiwe yari avuye muri Afrika y’ubuseruko aho yariko atohoza amakuru ajanye n’ivyintambara y’ihonyabwoko ryabaye mugihugu c’urwanda.

Inyuma y’urwo rugendo rwiwe rw’akazi yagize muri Afrika, yashitse agira umugambi wo kubandanya ubworozi bw’umuryango aho bita Minas Gerais mu gihugu ca Bresil, akarere yahora abona kera kagizwe n’ishamba ry’umuniha ariko asanga karabaye ubugaragwa kubera ugucibwa kw’ibiti gukabije mw’iryo shamba.

Afashijwe n’umugore wiwe Lelia Sebastião batanguje ishirahamwe ”stituto Terra” bafise ihangiro ryo gutera ibiti muri ako karere.

Uyu mugambi wabatwaye imyaka 20 maze ibiti birabakundira birakura neza, bahateye ibiti bishika imiliyoni zibiri maze inyuma y’imyaka 20 hasubira kuba ishamba ibikoko vyari vyaranyitse kubera ubugararwa bisubira kuza kuba muri iryo shamba.

Kw’isanamu munsi turabona ku ruhande rumwe uko ako karere kari kameze mumwaka wa 2001 n’ukuntu kahindutse bitangaje inyuma y’iterwa ry’ivyo biti mumwaka wa 2019.

Kuyindi sanamu turabona Salgado n’umupfasoni wiwe bariko banezerererwa igikorwa bakoze.

Muri urwo rukurikirane

Ukumwa umushasti akoresheje igipawa, umwuko, inyundo n’ibindi vyamugize icamamare

Ruy NKEMMA

Mariya Madalena wo mu gitabo ca Bibiliya benshi bakunze kwihendako ni nde?

Davy IRACADUKUNDA

Ibimenyetso icumi biranga umuntu w’incabwenge

Yves RUSERUKANINEZA

Terry fox umunya Canada yiguze abarwayi ba kansere yo mu kuguru n’ubu aribukwa mu mice myinshi y’isi

Ruy NKEMMA

Menya vyinshi ku gafuko gato kari ku mufuko w’ipantalon y’ijinisi

Ruy NKEMMA

Aheruka kwibaruka ku myaka 91 ibiriko bitangaza abatari bake

Ruy NKEMMA

Leave a Comment