Politike

OLUCOME rihanura iki abategetsi b’Uburundi ku munsi wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi?

“Abatwara uyu musi ntibaje ngaho bavuge ngo nibo bakunda igihugu kurusha abandi, nta muntu n’umwe akunda igihugu kurusha uwundi” Gabriel Rufyiri

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Reta, #OLUCOME yabivuze mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 4 Nzero 2026, aho yavuze ati: “Abatwara uyu musi ntibaje ngaho bavuge ngo nibo bakunda igihugu kurusha abandi, nta muntu n’umwe akunda igihugu kurusha uwundi” Gabriel Rufyiri.

Mu gihe igenekerezo rya 05 Ruhuhuma uko umwaka utashe Uburundi buhimbaza ubumwe bw’abarundi, Gabriel Rufyiri yibutsa abatwara igihugu ko abantu bose baba bipfuza ko igihugu kigira amahoro. Nayo gutsimbataza ubumwe ngo bikaba ari igikorwa c’abategetsi. Aha aributsa kandi ko abanyagihugu bato bato bo atangorane bafise, ariko ko ababatera ingorane ari abanyeporitike.

“Ubumwe ntibushoboka ahantu abantu bafise umwina.” Gabriel Rufyiri atanga akarorero k’abagenda n’amaguru mu kibanza bategekanirijwe ariko abagenda n’imodoka bakabasangayo babagonga. Yibutsa ko ubumwe bushoboka mugihe umuntu yishira mu kibanza c’uwundi.

Kubijanye n’indero, Gabriel #Rufyiri avuga ko igihugu gifise ingorane yo kudaha ikibanza umuntu yagiye mw’ishure n’aho ngo abatize bafasha. Muri Reta zunze ubumwe za Amerika ngo hariho abantu biyigisha “autodidactes” kandi barahabwa ikibanza ariko ngo bivanye n’ibikorwa baba bamaze gukora.

Muri urwo rukurikirane

Butanyerera: Musitanteri wa Busoni yatunganirije umworozi yari yaciwe ihadabu rirengeye n’umukuru wa zone Cumba

End End

Ishirahamwe ALUCHOTO rivuga iki kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi?

Yves RUSERUKANINEZA

Itegeko rishiraho ama sentare n’amaparike ntirirashirwa mu ngiro

End End

Sandra Muhoza na Kenny Claude Nduwimana, abamenyeshamakuru bahora mu mvuto baraye mu miryango yabo.

End End

Burundi: Leta ivuga iki ku rupfu rw’umushikiranganji Gabby Bugaga?

End End

Umusirikare wese afise igitabu c’inzira (passeport) mu Burundi ategerezwa kuba yabisubije gushika ku 10/02/2026

End End

Leave a Comment