“Mubakwegera Uburundi ibihano harimwo aba OPJ bagize i deal gupfungira abantu ubusa (bamuhaye ibihumbi 50 umuntu acashirwa mu gasho).”
Vianney Ndayisaba arongoye ishirahamwe ALUCHOTO yabishikirije kuri uyu wa 17 Ruhuhuma 2026.
Muri ALUCHOTO bavuga ko amategeko yerekana ko atamu OPJ arekuriwe gupfunga umuntu imisi irenga 7 kumvo z’amatohoza. Ngo iyo bishitse abisabira uruhusha umushikirizamanza wa repubilika w’akarere aba arimwo.
Mu gihe gupfungira abantu ubusa biri mu guhohotera ikiremwa muntu, muri ALUCHOTO basaba ko ababikora bohanwa ku mugaragaro. Ngo uwubikoze ari mu nzego za Reta nawe yohanwa kandi bikamenyekane. Aha hatangwa akarorero ku basirikare bishe abantu aho umuvugizi w’igisirakere c’Uburundi ngo yavugiye ku bimenyeshamakuru bimwe bimwe ko abakoze ivyo vyaha bahanwe. Vianney Ndayisaba asaba ko ivyo bihano vyoja ahabona n’abo basirikare bakamenyekane. Aha ngo boca bashirwa ku rubuga ruzwi rw’igisirikare hakerekanwa indishi imiryango yiciwe izohabwa, maze abarundi n’amakungu babimenye.
Nayo mugihe bimaze kugaragara ko abaporisi n’abasirikare bica abantu bitwaje inkoho, Vianney Ndayisaba asaba ko hoba itegeko aho atamuporisi canke umusirikare yoja aritwaza inkoho mukabare canke mu rubanza.
“Reta n’inzego z’umutekano nibakure imiduga yose itagira imparati mw’ibarabara”. Muri ALUCHOTO bavuga ko mu cegeranyo ca ONU kadi n’Uburundi ngo bwaravyisiguyeko berekanye ko izo modoka zifasha muri ubwo bugizi bwa nabi. Muri ALUCHOTO ngo ntavyemezo bafise ariko baremeza ko hari abitwaza imiduga itagira imparati bakanyuruza abantu.
Vianney Ndayisaba asaba ko igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kibonye bene iyo miduga ko boca bayihagarika bakayijana ku babijejwe. Iyanse guhagarara uwo muhuzabikorwa avuga ko boyikurikirana bakoresheje ivyuma vyabo. Ivyo ngo vyofasha kurwanya ububisha bw’abakurako imparati, bakaja kunyuruza abantu ku nyungu zabo.
Ivyo vyo kunyuruza abantu, muri ALUCHOTO bavuga ko n’abapfa itongo babikoresha n’abubakanye uko nyene. Vianney Ndayisaba avuga ko havamwo umwe akabikora kugira ngo akingire inyungu ziwe. Aha asaba ko abantu bose boshira imparati ku miduga kugira uwogira ikitameze neza akora abanyagihugu bamumenye.
