Kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2026, mu bigo vya Kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika (Université du Lac Tanganyika) i Bujumbura, haratunganijwe ikiyago “débat” cahuje abanyeshure biga kw’iyo Kaminuza ku kibazo gikurikira: “Kutavuga ivy’ubuzima ndoragitsina birakingira imico y’ikibano canke ni intambamyi ku magara meza n’indero vy’urwaruka?”
Ico kiyago cari categuwe n’ishirahamwe ry’abanyeshure bo mu gisata c’ubuganga mu Burundi (ABEM mu mpfunyapfunyo y’igifaransa). Imigwi ibiri yari ihanganye mw’ico kiyago yarashikirije n’ubwira bwinshi imvo zituma bashigikira uruhande uru na ruriya.
Ku ruhande rw’abashigikiye ko ivy’igitsina vyoguma bihozwe, barahagaze cane ku vyiza vyo kugumya imico n’akaranga vy’igihugu cacu twarazwe na ba sokuru. Ivyo vyiza rero ni nka: kudata akaranga, kuzigama iteka ry’umuryango, kwirinda kwinjiranwa n’imico mva makungu rimwerimwe yirekura, kurwanya irwirirana ry’abagore batwara imbanyi batipfuje.
Kugira abantu bashobore kuzigamana icubahiro imico n’akaranga, hakwiye ubwitonzi bwinshi mu kuyagisha urwaruka ivyerekeye ubuzima ndoragitsina bakabirindiriza igihe hageze ko rwitegura kuja gushinga izabo. Ni navyo vyamye biranga ba sokuru kuva kera na rindi aho umuhungu ageze kwubaka yigishwa amabanga y’igitsina kwa inarume nayo umukobwa akayigishwa na inasenge. Uko kurindiriza ico gihe c’umwiteguro w’urugo kugira bayagirwe ivy’ubuzima ndoragitsina kuri mu vyatuma urwaruka rudahurumbira cane imibonano mpuzabitsina hataragera. Kuba abakobwa barigishwa ko gutwarira inda iwabo bitesha agaciro n’iteka umuryango wose vyaratuma batinya “kirazira”, bakagumya ubusugi gushika ku bugeni bwabo. Igihano c’igisumanyenzi cariho kugira bibuke ko kwambika ibara umuryango ari ukumenja. Abo banyeshure barangije bibutsa ko mu kwirinda izo mbanyi zitipfujwe n’izindi ngeso mbi umuntu yoshobora kujamwo umuti urashe ari uguhora ivyerekeye ubuzima ndoragitsina gushika igihe co kwubaka kigeze.
Ku ruhande rw’abadashigikiye agacerere kw’ico kibazo bamwebamwe bita ibiterasoni, abanyeshure baravuze ko bikwiye ko urwaruka ruhabwa inyigisho zihagije ku buzima ndoragitsina rukiri imiyabaga. Bifashishije ibiharuro bitangwa n’ivyigwa bitandukanye vyakozwe, barerekanye ko kutamenyesha urwaruka ingaruka zoshika mu gihe bitwaye ukutariko bituma rwirekura, rukanjanjwa ku ngabire yarwo kubera ukutamenya. Rero mu gihe bataronse ababibabwira bazobimenya gute?
Ubwo kugumiza ivy’igitsina mu mugwi w’ibiterasoni kandi ari kimwe mu mpande zigize ikiremwa muntu biri mu bifasha gutanga indero nziza? Kubwabo, nta gukinga gushoboka ata himirizwa ryahabaye. Mu mvo batanze mu gusigura iciyumviro cabo harimwo: kwemera kujana n’ibihe tugezemwo, agacerere mu muryango gatuma urwaruka rurondera ubumenyi aho budakwiye nko ku marigara, irwirirana ry’ubutumwa bwerekeye ivy’igitsina ku mbuga. Ivyo n’ibindi bakabona ko bibuza kuguma mu gacerere. Iyindi mvo bashize imbere ni kurwanya irwirirana ry’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Ata nyigisho nta bumenyi urwaruka ruronka ngo rwige kwikingira mu gihe tuba mu kiringo aho imibonano mpuzabitsina ifata iya mbere mu buzima bwabo. Mu gusozera babajije ikibazo c’inkoramutima kigira kiti: “kwubahiriza imico n’akaranga bibwirizwa kuruta kurondera amagara meza ku miyabaga?”
