Politike

Igihugu ca Kenya giheruka guta muri yompi umuntu yagirizwa gushora abanya Kenya kurwana mu burusiya

Abashika 1000 nibo banya Kenya bamaze kumenyekana ko bahawe akazi ko kuja kurwana mu ntambara ihuza Uburusiya na Ukraine

Inzego z’umutekano muri Kenya zarahagaritse umugabo akekwa kuba yarararungitse abanya Kenya 25 kurwana ku rugamba rw’intambara iri hagati y’uburusiya na Ukraine.

Abanya Kenya barenga 1000 nibo bamaze kumenyekana ko bahawe akazi ko kuja kurwana mu ntambara ihuza Uburusiya na Ukraine nk’uko bivurwa na leta ya Kenya.

Aya makuru yamenyekanye inyuma y’uko hari imiryango yahagurutse iriyerekana ivuga ko abantu bayo babandanya baburwa irengero.

Abajejwe umutekano muri Kenya barataye muri yompi umugabo azwi nka Festus Omwamba yagirizwa kuba atwara abanya Kenya abizeza ko bagiye gukora mu burusiya mu nyuma bakisanga ni akazi ko kuja ku rugamba. Uyu mugabo yagirizwa kuba ugucuruza abantu muburaruko bwa Kenya mu gisagara ca Moyale hafi y’urubibe rwa Ethiopia.

Festus yashikanywe imbere y’ubucamanza kw’italiki 25 z’ukwezi kwa kabiri guheze(2026) akaba yagirijwe ivyaha vy’iterabwoba i Nairobi, yagirizwa kandi gutwara abanya Kenya bashika 25 mu mwaka uheze kurwana mu burusiya.

Leta ya Kenya yamenyesheje ko abanya Kenya bashika 1000 bajanywe kurwana mu burusiya ku rugamba na Ukraine, yongera ivuga ko abanya Kenya bagera kuri 89 vyamenyekanye ko bakiri ku rugamba, 39 bari mu bitaro, 28 babuzwe irengero bari ku rugamba, umwe akaba yaramenyekanye ko yaguye ku rugamba mu gihe abandi bagarutse mu gihugu.

Bamwe mubatanze intahe y’ivyabashikiye kuri uru rugamba harimwo John Kamau yashoboye gutoroka urugamba, akaba yashinze intahe avuga ko yahuriye i Nairobi n’uyu mugabo ariko yagirizwa gushora abanya Kenya , aho ababa bamaze kwegeranywa bakoranira imbere yo kurungikwa mu Burusiya.

Twobamenyesha ko ibi bibaye mu gihe hari ibihugu vyinshi biny’Afrika bigize iminsi vyagiriza Uburusiya gutwara abantu bavyo ku rugamba Uburusiya burimwo na Ukraine.

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Ishirahamwe ALUCHOTO rivuga iki kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi?

Yves RUSERUKANINEZA

Umusirikare wese afise igitabu c’inzira (passeport) mu Burundi ategerezwa kuba yabisubije gushika ku 10/02/2026

End End

OLUCOME rihanura iki abategetsi b’Uburundi ku munsi wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi?

Yves RUSERUKANINEZA

PARCEM ibona ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bikwiye kujana no kubegereza amafaranga.

End End

Leave a Comment