Kuri uyu wa 10 Nyakanga 2026 ishirahamwe ry’abahinga b’abarundi bigiye ivy’amagara yo mu mutwe CPL Mpore( Carrefour des Psychologues Lumière Mpore) rifadikanije n’iryabepiskopi CELFV(Commission Episcopale pour les Laïc, la Famille et la défense de la Vie) baratunganije ikiganiro ku magara yo mu mutwe mu gihe c’ivyago ndetse baravuga n’ukuntu umuntu yokwivyukiranya igihe yahuye n’ingorane zo mu mutwe.
N’ikiyago aba bahinga bari bahaye ijambo ry’umutwe ngo « Amagara yo mu mutwe mu bihe vy’amakuba: Kwivyukiranya inyuma y’ivyago giturumbuka » bakaba bari bashigikiwe kandi n’ishirahamwe Umunyinya rizwi cane muvyese n’ibindi bikino vy’akaranga, aho umworosha w’amajambo ava mu munyinya nawe yasiguye ko bashigikiye iki gikorwa kuko basanzwe bakunze gukina ibikino bijanye n’ivyamagara yo mu mutwe » théâtre de sensibilisation communautaire sur la santé mentale »
Isano riri hagati y’ivyago(amakuba) n’amagara yo mu mutwe

Patiri Savin NDEREYIMANA niwe yuguruye ibikorwa aho yatanguye avuga ko umubiri dufise ufise aho ugarukira, akavuga ko hari ivyago bishika mu buzima bw’umuntu umuntu agahungabana akavuga ko ugukingira ubuzima ari co catumye baja hamwe kugira bigishe ibishobora guhungabanya amagara yo mu mutwe ibituma n’ibindi vyinshi bikurikira. Patiri yahereje intangamarara yiwe ku kibazo kigira kiti: « Umuntu arashobora kwivyukiranya igihe yahuye n’amakuba? »
Elisée NIMUBONA yari yaserukiye ishirahamwe Umunyinya akaba ari nawe yatanga amajambo yatanguye n’akabazo kagira kati « Twotahura gute amagara yo mu mutwe » aka kakaba kishuwe na ARAKAZANDORUWANKA Christophe Armel umwe muri aba bahinga b’ivyamagara yo mu mutwe(psychologue) aho yabanje gusigura ico ari co amakuba aho avuga ko kivuye mw’ijambo ry’ikirungo gukubirwa ari nako kugeramirwa. Ibi akavuga ko ari ibibazo abantu bamamwo mu buzima bwa minsi yose ariko araheza avuga ko amakuba yo aremereye gusumba, aho bishobora kubandanya igihe kirekire bikarengera n’ubushobozi bw’umuntu yari asanzwe akoresha mu gutorera inyishu ibibazo

Armel avuga ko amakuba aho ahuriye n’amagara yo mu mutwe, avuga ko hari igihe ibibazo biba vyinshi umuntu akarengerwa bwa bushobozi bwo gutora inyishu bukarengerwa amagara yiwe yo mu mutwe agatinda akamererwa nabi.
Patiri Savin yasiguye ko amakuba ari ivyo bintu biza mu buzima bwacu bikaza bifise inguvu zirengeye izo umuntu ashobora gukoresha mu guhangana navyo, aho yaciye atanga akarorero k’isanganya ry’ibirwanisho vyaturitse mu gisagara ca Bujumbura avuga ati: » Inzu zitari zikomeye zaranyiganyiga zimwe zigasiduka izari zikomantaye zifise umushinge ukomeye neza zagumye zihagaze neza. » yabandanije avuga ko no mu buzima bw’umuntu ariko bimeze hari igihe inguvu umuntu afise zitaba zihuye n’ivyago vyashitse ari ho bavuga amakuba canke uko amagara yo mu mutwe aba yifashe
Umuhinga(pscychologue) BAJINAMA Eric yavuze ko umuntu asanzwe afise imisemburo ikora ku buryo ubwonko buguma butekanye, yamara iyo haje ikibuhungabanya giturumbuka nk’ipine ry’umuduga rituritse, imisemburo irakora kugira ihe ubutumwa ubwonko umubiri ko utegerezwa kwikingira, ico gihe umuntu agira inyifato itameze nk’umuntu atekanye ariko iyo nyifato ikaba itahuritse. Yamara rero mu gihe c’amakuba nk’umuriro washikiye abadandaza mu masoko, aba ngo bari basanzwe bafise kumbure ibindi bibazo bahora bashobora kwirengagiza hagaca hiyongerako ivy’ibidandazwa vyabo biba bihiye bagaca barengerwa.
Umuhinga Eric avuga ko ico gihe imisemburo iheza igakora mukajagari ari naco gituma umuntu duheza tukamubona yikumagura ku buryo budatahuritse, iyo bimaze igihe amagara yiwe akabangamirwa.

Mbega ukwivyukiranya bigenda gute mu gihe umuntu yagize ibibazo vy’amagara yo mu mutwe?
Kukwivyukiranya aba bahinga barasiguye ko umuntu afashwa gutangura kwemera ivyo vyabaye ndetse aba bahinga(pscychologue) bavuga ko ubituye bakwumviriza bakagufasha kwita izina amakuba yagushikiye, aba bagashira imbere ko kwumviriza umuntu yahuye n’ibibazo nk’ibi kiri mu bintu bikuru cane.
Umuhinga ARAKAZANDORUWANKA Armel avuga ko mukwivyukiranya bitangurira mu kumenya ubwa mbere ko hariho ikibazo hagakurikira ukugandara(prise de conscience) uku kukaba ariko kwemera ivyabaye, umuntu yahejeje gukoma induru canke yarize, umaze kugandara Armel avuga ko ariho usubira kugerageza kugira inguvu zo gusubira kwivyukiranya.
Inkingi zifasha kwivyukiranya:
Armel avuga ko igikurikira mukwivyukiranya ari ukumenya ko hari inkingi umuntu ashobora kwishimikiza, nayo inkingi umuntu ashoboro kwishimikiza Armel avuga ko ari ubwa mbere ubushobozi afise kuvy’amagara, ubwa kabairi uburyo, ubwa gatatu ni abagenzi, iya kane ivyo umuntu akunda iya gatanu ukwiha agaciro.
Mbega twofasha iki umuntu kugira ashobore kwivyukiranya canke hoho vyokorwa gute?

Patiri Savin yamenyesheje abari ngaho ko ica mbere umuntu yahuye n’ibibazo nk’ibi ari ukuronka ikibanza uganyiramwo, ukuronka aho ushikiririza ivyagushikiye hanyuma kandi ukaronka uwukwumviriza akakwumviriza atagucira urubanza. Patiri avuga ko ukuvuga ari co ca mbere gifasha uwahuye n’amakuba.
Uku kuvuga Patiri avuga ko ari vyo bituma umuntu arengera ivyamushikiye bikamuha no gushobora kwemera ko ivyamushikiye ari ukuri atari indoto, ibi navyo bikaba ari vyo bise ukugandara. Iyo rero utaronse akaryo ko kugandara ngo niho haciye igihe bitinda bikagaruka bikakwicira amagara yo mu mutwe.
Patiri avuga ko umuntu ashikiwe n’amakuba akeneye kuronka ikibanza asubiriramwo ivyo yaciyemwo akigana ivyamushikiye, ikindi naco ni kuronka uwumwumviriza atamucira urubanza
