Politike

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yishikiye kuremesha Samia Suluhu arongoye Tanzania aheruka kubura umufasha.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2026, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aherekejwe n’umutambukanyi wiwe yarashitse mu gihugu ca Tanzania i Kizimkazi Mtendeni muri Zanzibar aho yari agiye kugarukira kuri Samia Suluhu arongoye igihugu ca Tanzania, aho aheruka kubura umucance wiwe umushingantahe Hafidh Ameir Hassan.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaboneyeho n’akaryo ko gutera umukono mu gitabo c’ikigandaro gitegekanijwe guterwako imikono n’abashitse mu kigandaro, mu ntumbero yo guha icubahiro umuhisi be no kuremesha abasigaye. Uyu mugirwa kandi ukaba wahaye akaryo umukuru w’igihugu Evariste ko kumenyesha Samia Suluhu, umuryango wiwe hamwe nabanya Tanzaniya bose ko Uburundi n’abarundi babafashe mu mugongo.

Isanamu: © Ntare House

Muri urwo rukurikirane

Wa mu pilote yacumitirwa mu kirere na mugenziwe yaganiriye n’umukuru w’igihugu ciwe aho arwariye mu bitaro

Ruy NKEMMA

Kidumu yahagurutse avugira abarundi bari muri Kenya igihugu yakuyemwo umukenyezi yongera atanga n’impanuro zikomeye

Ruy NKEMMA

Kimwe mu bihano vyo gupfa vyagenze nabi aho umufungwa Christa Pike yatewe umuti wica incuro zibiri vyanka ko apfa

Yves RUSERUKANINEZA

Ibitari bike biratanguye kumenyekana kuri wa mu pilote aheruka gucumitira mugenzi we mu ndege ashaka kuyogeza inganda

Ruy NKEMMA

Leave a Comment