Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2026, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aherekejwe n’umutambukanyi wiwe yarashitse mu gihugu ca Tanzania i Kizimkazi Mtendeni muri Zanzibar aho yari agiye kugarukira kuri Samia Suluhu arongoye igihugu ca Tanzania, aho aheruka kubura umucance wiwe umushingantahe Hafidh Ameir Hassan.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaboneyeho n’akaryo ko gutera umukono mu gitabo c’ikigandaro gitegekanijwe guterwako imikono n’abashitse mu kigandaro, mu ntumbero yo guha icubahiro umuhisi be no kuremesha abasigaye. Uyu mugirwa kandi ukaba wahaye akaryo umukuru w’igihugu Evariste ko kumenyesha Samia Suluhu, umuryango wiwe hamwe nabanya Tanzaniya bose ko Uburundi n’abarundi babafashe mu mugongo.

Isanamu: © Ntare House
