Mu butumwa Vestine na Dorcas baheruka gushira ahabona bamenyesha ko bavavanuye n’ishirahamwe(company) MIE rya Irene Murindahabi ryabatoye batarakora indirimbo nimwe riduza impano yabo gushika bamenyekane henshi hashoboka.
Mw’itangazo rya Vestina na Dorcas, aba bavuga ko uku gutandukana na MIE kuri mu ntumbero yo gutangura igice gikurikira c’ubuzima bwabo bw’ukuririmba. Muri iri tangazo ryasohotse italiki 13 z’uku kwezi kwa gatandatu(2026) aba baririmvyi barashimitse ko iyi ngingo yaca itangura gukurikizwa ubwo nyene igisohoka, kuko bavuga ko bayiyumviriyeko bihagije.
N’ubwo biri uko, Vestine na Dorcas barashimye cane uko ishirahamwe MIE ryabafashe rikabitaho gushika aho bageze.
« Imbere ya vyose, twashaka gushimira cane bivuye ku mutima MIE. MIE yabaye umuhezagiro kuri twebwe. Kuva mu ntango ya vyose, barizeye impano yacu, bashira uburyo bwabo mu ndoto zacu, baratuyobora mu gihe twari tubikeneye cane. » bivuga Vestine na Dorcas mw’itangazo ryabo.
Aba baririmvyi bavuga kandi ko igisata kijejwe kuyobora muri MIE cakoze ibikorwa birengeye ubucuruzi. Bavuga ko ico gisata cabigishije, kirabakingira kibahinduramwo abaririmvyi kibagira abantu.
« Tuzama dushima urukundo, ubufasha hamwe n’amahirwe baduhaye. » bivuga Vestine na Dorcas mu butumwa bwabo
Aba baririmvyi bavuga ko ingingo yabo yo kuvavanura na MIE itafashwe gihutihuti. Bavuga ko bashima ivyo bashitseko bari muri MIE, ariko ko bizeye ko umwanya wo kubandanya bonyene wageze, aho bazokora barongowe n’indoto yabo, agaciro hamwe n’imigambi ya kazoza.
Inyuma y’iri tangazo ry’aba baririmvyikazi, M. Irenée nawe yaremeje ugutandukana kwiwe n’aba baririmvyikazi ibi akaba yabikoze bukeye bw’aho ku wa 14 Ruheshi nk’uko ikinyamakuru Inyarwanda kibivuga.
Irenée yagize ati: « Inyuma y’imyaka itanu yo gukorana hamwe n’urugendo twasangiye rwuzuyemwo ibihe vyiza no kwiga bitandukanye, MIE Music na Vestine & Dorcas bemeranije ku bwumvikane guheza amasezerano y’ibikorwa yari yabahuje. »

Vestine na Dorcas boba bafise uburenganzira bwo kujana n’indirimbo zabo?
Ikinyamakuru Inywarwanda cageze kure kija no mumasezerano yabaye hagati y’aba baririmvyikazi hamwe na MIE kivuga ko izi mpande zibiri zari zagiriraniye amasezerano y’imyaka itanu, aya akaba yari yarangiye mu mwaka wa 2025 n’ubwo Izi mpande zibiri zitasinye amasezerano akurikira, aho zishobora kuba zaciye zibandanya gukorana ata masezerano ahari.
Iki kinyamakuru kivuga ko hamwe bokwipfuza kuja mubutungane n’ubwo ata numwe arerekana ugushaka kwitura ubutungane hagati y’izi mpande zibiri, aba baririmvyikazi bobanza gutanga imiliyoni mirongo itandatu z’amahera y’amanyarwanda kuko hashizweho ingingo ivuga ko uwuzoshaka indirimbo azotanga imiliyoni zitanu z’amanyarwanda nabo aba baririmvyi bakaba bakoranye indirimbo 12 n’uruganda MIE, ibica bisaba imiriyoni 60 ku ndirimbo zose.
Abatari bake mubakunzi b’aba baririmvyikazi barashima ingingo bigiriye yo kuririmba ku giti cabo, abandi bagashimira na MIE ya Murindahabi Irenée ku gikorwa ciza yakoze, aho bavuga ko batishimikije inyungu Murindahabi yoba yarabiboneyemwo, yakoze igikorwa kizima catumye abantu bamenya aba baririmvyikazi eka mbere n’abakunzi b’indirimbo zo guhimbaza Imana bakaruhurwa imitima n’ubutumwa bwaca muri izo ndirimbo.
Ku rundi ruhande hari abibajije niba aba bavukanyi (Vestine na Dorcas) bazoshobora kwitunganiriza ibikorwa nk’uko MIE yahora ibibakorera, aho ni mu gihe Vestine asanzwe aba mu gihugu ca Canada kandi uburyo bwo gusohora indirimbo buzimvye. Umwe mubasesanguzi b’ivy’umuziki w’Urwanda yavuze ku mbuga ngurukanabumenyi ko vyari kuba vyiza ko Vestine yoza araza mu Rwanda agasanga umuvukanyi wiwe agasohora uturirimbo hama akisubirira muri Canada mu gihe iyo ari bizimvye cane, yamara amakuru amwe amwe avuga ko na Dorcas yamaze kumusanga muri Canada.
