Amagara

Uwurongoye idini rya katolika kw’isi aracari mubitaro aho aheruka kubarwa agace ko kwihaha

Uwurongoye idini rya katolika kw’isi aracari mubitaro aho aheruka kubarwa agace ko kwihaha karimwo kansere(canser)

Umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Léon XIV yarabazwe ku wa kabiri, aho bamukase ikivyimba kiri kw’ihaha icari kirimwo Kansere(cancer). Ni igikorwa camaze iminota 90 ku bitaro Gemelli vy’i Roma nk’uko vyashikirijwe na Vatikano aho iyi imenyesha ko ukumubaga vyagenze neza.

Abamenyeshamakuru baragerageje kubaza ko iyo ngwara ya Cancer itoba yari bwatangure gukwira mu mubiri w’uyu mwungere wa Katolika, amakuru ava i Vatikano yamenyesheje ko baguma bariko baramugirira ibipimo kugira barabe ko atacoba cabasovye.

Isaha zibiri z’ijoro niho Vatikano yamenyesha ko ibarwa rya papa Leon wa 14 rirangiye, ikinyamakuru TV5 Monde kikavuga ko amwe mu makuru yava i Vatikano yavuze ko Papa yavuye mu cumba yabagiwemwo ameze neza mbere ko yaciye asaba n’utwo afungura.

Bitegekanijwe ko Papa Leon ategerezwa kuguma mubitaro aho bamurabira hafi ku mwanya ku mwanya. TV5 Monde kivuga ko batari bwamenye ko uyu mwungere azomara igihe kinini mubitaro ivyohava vyica urugendo rwiwe rukomeye mu bihugu vya Uruguay, Argentine na Pérou ruzotangura kw’italiki 6 gushika kuri 17 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Ku w’Imana uheze mu gihe ahejeje igisabisho ca Angélus, Papa Léon yari yamenyesheje ko ikivyimba kw’ihaha ryiwe camenyekanye hakiri kare ivyatangaje abakirisu benshi batari biteze ko umwungere wabo yoba arwaye.

« Abaganga bambwiye ko vyiza nokibagisha kare hanyuma ndaheza nkurikiza impanuro zabo » ni Papa Léon wa 14 abivuga aho yariko abimenyesha ishengero ry’abakirisu mu kibanza citiriwe umweranda Petero.

Igihe avugiye ibi abatari bake mu mpande z’isi baciye barungika ubutumwa bwo kumuremesha, aho nk’umunyamabanga mukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika Marco Rubio yavuze ko we n’umucance wiwe bariko basengera papa.

Uwurongoye leta ya Australia Anthony Albanese yamenyesheje ku wagatatu ko bamwiyumvirako kandi bamusengera.
Ibikorwa bitari bike vy’uwurongoye Katolika vyarungurujwe bishirwa ku wa 20 Gitugutu harimwo n’imisa ikomye izoba ku wa gatatu iyi ikazoca igirishwa n’umukardinari Mgr Luis Antonio Tagle arongoye abandi muri kino gihe.

Nagaciro

Inkomoko: TV5Monde

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ubundi bwoko bw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa

Yves RUSERUKANINEZA

Abana 32 n’umwigisha bahitanywe n’igisenge c’ishure ryabasenyukiye uyu munsi mu gihugu ca Pakistani

Yves RUSERUKANINEZA

Indege yahagaritswe kuguruka kubera ingenzi zariwe n’ibihere mu kirere

Ruy NKEMMA

Amwe mu mabanga yinyegeje muco twita « Ubusugi »

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ruy NKEMMA

Leave a Comment