Imwe mu nkuru ziteye intuntu ziriko ziravurwa mu gihugu ca Pakisitani, ni iy’abana 32 n’umwigisha umwe bapfuye inyuma y’aho igisenge c’ishure ryigenga rya Al-Khair riri mu gisagara ca Peshawar gisenyukiye ku banyeshure bari mw’ishure.
Iryo sanganya ryabaye mu gitondo co kuri uyu wa kane, igihe abanyeshure bariko bariga mu vyumba vy’ishure.
Igisenge co mu gice co hejuru c’inyubakwa caguye, gihitana ibindi bice vy’inyubakwa, bituma abana benshi bahitanwa n’ibisigarira vy’iyo nyubakwa.
Amakuru yatangajwe n’ibimenyeshamakuru avuga ko abantu barenga 40 bakomerekejwe n’iyi mpanuka, harimwo abana bamwe bari baremvye cane.

Inyuma y’aho iryo sanganya ribereye, abatabara imbabare, abajejwe umutekano hamwe n’abanyagihugu bihutiye gushika aho iryo shure riri, kugira bakure mu bisigarira vy’inyubakwa abari bakiri munsi. Abavyeyi benshi bari bafise umutima uhagaze bariko barondera kumenya ko abana babo bakiri bazima.
Abantu benshi bo muri ako karere bagize uruhara mu bikorwa vyo gutabara, mu gihe imiryango yabuze abayo yari mu marira n’umubabaro udasanzwe.
Abategetsi bo muri ako karere bavuze ko iyo nyubakwa ishobora kuba yari itubatswe mu buryo bwemewe n’amategeko ikaba itakomejwe mu kuyubaka, kandi ko igisenge gishobora kuba cari kiremerewe birenze urugero.
Inyuma y’ivyabaye, hatangujwe amatohoza kugira hamenyekane neza icatumye igisenge gisenyuka n’abo bishobora kuzobazwa.
Umuyobozi w’iryo shure yafashwe kugira abazwe ivyerekeye iryo sanganya.
Ivyo bibaye mu gihe mu kwezi kw’indwi uyu mwaka nyene abana bashika kuri 12 bahitanywe n’igisenge c’inyubakwa y’ishure mu gisagara ca Lahore muri Pakistani nyene, aha tukabamenyesha ko no mu mwaka uheze(2025) abantu 27 bapfuye abandi 10 barakomereka igihe inzu y’amagorofa atanu isenyukiye muri karatiya(quatier) y’abantu b’uburyo buke izwi nka Lyari iri mu gisagara ca Karachi mubumanuko bwa Pakistani nyene.
Ikinyamakuru c’abafaransa TV5MONDE kivuga ko isenyuka ry’amazu muri Pakistani rikunze kuhaba kubera cane cane inyubako zidakurikiza amategeko yo kwubaka, ibikoresho vyo kwubaka bitagira ubukomezi bisanzwe bitembera muri Aziya y’ubumanuko.
#Nagaciro
Photo: © noovo.info // ici.radio-canada
