AmagaraUtugenegene

Muri Guatemala umwigeme yazutse haciye igihe yapfuye bamaze no kumushira mw’isandugu

Bari bamaze kumushira mw’isandugu ariko yasubiye kuronka ubuzima babona arahagurutse bitangaza benshi.

Ni mu gihugu ca Guatémala aho umwigeme w’imyaka 15 yaguye hasi se arapfa arashika umuryango wiwe urarira urihanagura mu nyuma ndetse uja kurondera isandugu yo kumuhambamwo haciye umwanya arazuka biraheza bifatwa nk’igitangaza nk’uko vyashikirijwe ku rubuga (site d’informations Infobae)

Ikinyamakuru c’abafaransa 20 Minutes kivuga ko uyu mwigeme yashimiye Imana nk’uko yabishikirije mu kiganiro imboneshakure yo muri ako karere yamugirishije.

« Simbona uko noshimira Imana kuri ivyo vyose yakoze mu buzima bwanje » bivuga uyu mwigeme, aho yabandanije asigura uko vyagenze agira ati:  » Natanguye mbabara ku mutima, nkumva mbere umenga umutima urandemereye hama nca ndaraba. »

Se w’uyu mukobwa yahavuye amuterura agenda yiruka kwa muganga bataragera gushikayo wa mwigeme ahagarika guhema n’imitsi ntiyaba igikakaza (elle n’avait plus de pouls) nk’uko se avyigana.

Uyu muvyeyi yabwiye abamenyeshamakuru ati:  » Ntiyaronse amahirwe yo kwinjizwa mu bitaro » Ikinyamakuru 20 Minutes candika ko ata muganga yapimye ko yapfuye ngo avyemeze.

Abavyeyi bamaze kubona kabaye, se w’uyu mukobwa yaciye yiruka aho bakorera amasandugu ahambwamwo abashengeye(pompe funèbre) kurondera isandugu ryo kumuhambamwo, mu nyuma bakoranya umuryango wose muhira kugira bategure amaziko.

Aha bariko bagandara bongera biyumvira uko bagiye guhamba uyu mwana, uyu mukobwa yahavuye atora ubwenge. Nyina niwe yabonye ubwa mbere ko akiri muzima, uyu akaba yabwiye abamenyeshamakuru ati:  » Nari ndiko ndarira negamiye isandugu aryamyemwo, twuguruye gato umuryango waryo, yariko aranyagaza, aravyuka nka buno bwa jisho tuza tubona arahagurutse. »

Ikinyamakuru 20 Minutes kivuga ko abari ngaho bose batangajwe n’ibihejeje kuba harimwo na se yagize ati:  » Igihe nahindukira bari bahejeje gukura umukobwa wanje mw’isandugu twari twamushizemwo. » Abari aho 20 minutes kivuga ko baciye bamuha amazi kugira anywe bamufasha no kuva mw’isandugu, baguma bafata ibibaye ko ari igitangaza.

Abategetsi bo muvy’amagara y’abantu muri ako karere ntibatanze insiguro kuri ibi vyabaye

Muri urwo rukurikirane

Muganga Catherine Solano avuga iki kuvyerekeye ingaruka zo kwikinisha?

Davy IRACADUKUNDA

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ruy NKEMMA

Abana 32 n’umwigisha bahitanywe n’igisenge c’ishure ryabasenyukiye uyu munsi mu gihugu ca Pakistani

Yves RUSERUKANINEZA

Christophe Matata umuririmvyi atariko arahanagurika mu mitima y’abarundi ubu vuba

Ruy NKEMMA

Indege yahagaritswe kuguruka kubera ingenzi zariwe n’ibihere mu kirere

Ruy NKEMMA

Leave a Comment