Bamwe bati « Kurirana ivyo abandi baririra » inkuru yacu tuyitanguye twibaza tuti: « uwoshikana inkwavu ziriko ziyamirizwa muri Australia mu bihugu bimwe bimwe bikunda akanyama k’urukwavu vyogenda gute? »
Inkwavu zo mw’ishamba ni ikibazo kibangamiye abanya Australiya batari bake aho mbere abahinga bo kurasa basigaye bakora akazi ko kuzirasa n’ubwo ziguma zinyagara ubu ho hakaba hariko hirwa uko bokora uburozi bwotuma hapfa izitari nke gutyo zikabona kugabanuka
Izi nkwavu ziriyerereza mu mitumba eka mbere imboneshakure y’abafaransa France 24 ivuga ko no mu bisagara bikomeye vya Australia usanga ziriko zitembereza mu bigo vy’iratiro ry’ibidukikije « Parcs » abatari bake bakaba basigaye bazitira ingo zabo n’utuyungiro kugira ntizinjire kurya amashurwe yabo, abandi bagashiraho ivyuma bivuza urwamo kugira ntizegere ingo zabo
Iruhande y’ivyo igihugu carashize n’imitahe itari mike muvyo kugerageza kwica inkwavu kugira zigabanuke, hakaba mbere n’abaza baragize amashirahamwe y’abahinga bakoresha imoteri zisuka ivyotsi vyica vya monoxyde de carbone, baheza bagashira mu myobo itandukanye zino nkwavu ziberamwo, bagaca bazibira.
Iyi mboneshakure ivuga ko mu mitumba ho ibara ryaguye, aho izi nkwavu zibangamiye ubwoko bw’ibiterwa bushika 300, abarimyi bagaheza bakahagirira ibibazo. Aborozi bakomeye bo muri Australiya bavuga ko izi nkwavu kubera ubwinshi bwazo zisoba cane mu bwatsi inka zabo zirisha maze inka zikaca zanka kuburya.

Mw’itongo rya Leon Helmrich, umworozi w’indogobwa huzuye imyobo itari mike yaciwe n’inkwavu, uyu avuga ko indogobwa ishobora gutsitara muri iyi myobo ikavunika ukugura kandi ngo indogobwa irinze ivunika ukuguru baca bayica.
Leon ahora ahengera mw’ijoro agatumako abarashi ba karuhariwe akabaha ikiraka bakazana inkoho zabo guhiga inkwavu bakazirasa.
Adam Schmidt ni umwe mubakoresha inkoho mu guhiga inkwavu. Uyu avuga ati: » Tuguma turonka abarimyi baduterefona, ntidushobora kuhakwira hose kubera ni henshi. Iyo tugeze mu gihe c’ubukanye burenze » saison hivernale » ziba zisanzaye hose uba ari wo mwanya mwiza wo kuzirasa. »
Imboneshakure France 24 ivuga ko Adam ashobora kwica inkwavu ziri hagati ya 50 na 100 mw’ijoro rimwe ariko ngo ni nk’ima riguye mu ruzi kuko izi nkwavu ubwazo ziharurwa mu miliyoni amajana abiri (200 Millions) bagereranije, umuti wonyene wogerageza n’ukuzisukamwo ubumara.
France 24 ivuga ko mu myaka ya 1950 umugera(virus) abahinga bari bakoze warandagase inkwavu uratikiza ariko izasigaye umubiri wazo waciye umenyera uwo mugera zica zisubira kuba nk’ifu, abahinga bariko bakora uwundi mugera ariko kugira ushobore kwirwa neza hama wemezwe ngo vyotwara imyaka iri hagati ya 6 na 10, yamara leta ya Australiya ngo ntiyicaye aho iguma ishira umutahe muri be n’ibi vyirwa ndetse irondera n’abashobora kubishiramwo uburyo.
Nagaciro
Inkomoko: France 24
