Ibidukikije

Umukuru w’igihugu ca Pérou aragabisha ko ikiza ca El Niño kigiye kuza gikomeye cane

Kubera El Niño igiye kuza mu minsi mike umukuru w’igihugu ca Pérou yahamagariwe abanyagihugu bari mu turere tuzobangamirwa kuvayo

Umukuru w’igihugu ca Pérou, umukenyezi Keiko Fujimori aragabisha ko ihindagurika ry’ikirere rizwi nka El Niño rigiye kubica bigacika mu gihugu ciwe nko mu karere kose ka Amerika y’epfo, agahamagarira abanyagihugu bose baba mu karere kazwi ko bizoba bikazemwo kuvayo hakiri kare.

El Niño ni ubushuhe bwiyongera cane mw’ibahari rya Pacifique bugaca buhindagura ibintu mu duce tutari duke tw’isi, aho imiyaga ihuha uko bitahora, invura igatakaza ibiringo yahora irwiramwo, igatuma haba imiriro mu mashamba, ikinyamakuru c’abafaransa RFI kikavuga ko nk’amashamba yo muri Indonesiya yatanguye gusha, eka mbere n’ubugararwa bukaba bwatanguye kwiyongera muri Madagascar

Rfi kivuga ko higeze kuba imyuzure mu myaka ya 1982 na 1998 itewe na El Niño muri Perou, ariko umukuru w’igihugu Keiko Fujimori avuga ko ubu bizoba bikomeye cane, akavuga ko mbere basa n’abacerewe kwitegura guhangana n’iki kiza c’ubukomezi butari bwaboneke, akongerako ko ari naco gituma hazofatwa ingingo zikomeye.

« Dutegerezwa gufasha twese. Ababa muturere tuzobangamirwa ndabatumiriye gukinjuru buno bwango » bivuga umukuru w’igihugu Fujimori.

Hagati aho ubutegetsi bwa Perou bwaramaze gutangura gukwiragiza ivyuma bita géogrilles bigumya isi kugira birinde imanyagurika ry’isi canke ukubomoka kw’imisozi mu gutangira amabuye ashika kumatoni 300 hamwe n’ibindi bicafu bizanwa n’inkukura.

Ibitaro vyararwijijwe aho ico kiza kizoba gikomeye, abategetsi b’iki gihugu bakaba bategekanya amafaranga yo guhangana n’iki kiza ava kumafaranga imiliyoni 232 gushika kumiliyaridi zibiri n’ibice icenda z’amadolare. Abanyagihugu bangana n’imiliyoni icenda n’ibice bitatu nibo bari mu turere dushobora kubangamirwa cane.

Ikinyamakuru RFI kivuga ko nko mu gihugu ca Paraguau ho ingingo zo gukingira abanyagihugu zamaze gutangura, imiryango ishika 1000 ikaba yavuye mu gisagara kigira kabiri (Ciudad del Este) Muri Argentine naho inzuzi Paraná, Uruguay na Iguazu zikaba zatumye abantu bazegereye bimurwa, abategetsi bakaba bafashe ingingo zikomeye zerekeye uruja n’uruza ruca kubiraro vyegereye inzuzi.

Muri urwo rukurikirane

Inkwavu zirabangamiye umugabane wa Australiya uretse kuzirasa hariko hirwa ubundi buryo bwo kuzica n’uburozi

Ruy NKEMMA

Igiti c’umurinzi n’ibitangaza cakoze mu barundi b’aho hambere

Clovis NIYONKURU

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Invura nyinshi yaguye muri Butanyerera yarahitanye abantu n’ibintu bitari bike

Ruy NKEMMA

Leave a Comment