IbidukikijeUbutunzi

Invura nyinshi yaguye muri Butanyerera yarahitanye abantu n’ibintu bitari bike

Imvura nyinsi cane yaguye ku wa 9 Gitugutu muri Butanyerera yononye ibintu bitari bike harimwo abantu batatu bapfuye mirongo itanu n’umwe(51) nabo barakomereka

Ikinyamakuru Isanganiro canditse kuri iyi nkuru ku rubuga rwaco rwa facebook kivuga ko amazu ashika amajana umunani(800) nayo yahitanywe n’iyi mvura, ayashika igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na n’abiri(1 252 ) araguruka ndetse n’amashure mirongo ibiri n’umunani(28) nayo ahura nivyo vyago.

Isanganiro kivuga ko mu mitumba 199 yo muma zone 40 ari ho ibintu vyononekaye gusumba ahandi nayo imirima ingana n’uburinganire bungana na hegitari 2 034,4 ikaba yaratwawe, kuri ivyo hiyongerako imiryango irenga 16 yakozweko kurusha.

Mu nama y’umutekano yagirishijwe na buramatari kuri uyu wa 12 Gitugutu 2026 niho ibi bitigiri vyatangiwe, buramatari Victor Segasago akaba yahanuye abanyagihugu kwubaka inzu zifise ibisenge bitaboneka, gututura amashami y’ibiti no gukuraho ibiti bishaje bishobora gutera amasanganya kw’ibarabara canke iruhande y’inzu.

Ikindi uyu mutegetsi avuga ni uko bokingira isi ndimwa mu gutera ibiti n’ivyatsi bifata isi no guca imikobeko mu mirima no mu misozi itandukanye hamwe no gusibura inzira zose z’amazi.

Muri urwo rukurikirane

Esthere Munezero umwe mu bigeme b’abarundikazi bikorera utwabo aratuyagira urugendo rwiwe.

Ruy NKEMMA

Umukuru w’igihugu ca Pérou aragabisha ko ikiza ca El Niño kigiye kuza gikomeye cane

Ruy NKEMMA

Igiti c’umurinzi n’ibitangaza cakoze mu barundi b’aho hambere

Clovis NIYONKURU

Kidumu yahagurutse avugira abarundi bari muri Kenya igihugu yakuyemwo umukenyezi yongera atanga n’impanuro zikomeye

Ruy NKEMMA

Inkwavu zirabangamiye umugabane wa Australiya uretse kuzirasa hariko hirwa ubundi buryo bwo kuzica n’uburozi

Ruy NKEMMA

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Leave a Comment