ImigenzoUtuntu n'utundi

Elon Musk yahukanye iyindi ncuro uwahora ari umugore wiwe nawe akaba yamubwiye amajambo akomeye

Umutunzi wa mbere kw’isi Elon Musk yasubiye kwahukana inyuma y’imyaka 10 ari mu rukundo n’umugore w’umunyamitahe (une capitale-risqueuse et cheffe d’entreprise) w’umunya Canada yitwa Shivon Zilis. Aba batanguye kumenyanira mw’ishirahamwe Open AI riri muyatanguje ubwenge bukorano(intelligence artificielle) kw’isi mu mwaka wa 2015 aho Musk yari agifisemwo imitahe rigitangura imbere y’uko arivamwo.

N’uko baciye batangura urukundo rwakamenywa na bake( une relation secrète ) haciye igihe birahava biramenyekana. Inyuma y’imyaka icumi bari mu rukundo aba babiri batandukanye bafitaniye abana bane, icatangaje abatari bake uyu mugore w’imyaka 40 avuga ko Elon Musk yamuhevye atanabimumenyesheje. Ababakurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi nabo barashoboye kubona ko Elon Musk atagikurikirana(follow) Zilis ku rubuga rwa X urwahoze rwitwa Tiwtter imbere y’uko rugurwa n’uyu munyamafaranga Musk.

Ku wa 2 Gitugutu 2026 Shivon Zilis yanditse kuri X ubutumwa ati: « Birababaje kuja mu rukundo hama ukaruvamwo mu ndwi imwe gusa utanategujwe, ariko n’uko bimera rimwe na rimwe. »

Uyu mugore asanzwe ari mu bakomeye mw’ishirahamwe Neuralink, iryo Elon Musk asanzwe ari mubatanguje yabandanije mu butumwa butari buto avuga ati:

« Numva nezerewe ko nashoboye kwereka Elon uko umuntu yiyumva iyo atahuwe, iyo akunzwe canke afyinishijwe.( … ) Nari nipfuza ko yumva ubwoko bw’urukundo rwa mbere rukomeye rutananyiganyiga. Umutima wanje uratekanye ko nashoboye kubigerako, kandi ndibaza ko ivyo bizogira ingaruka nziza ziramba kandi zizana inyungu »

« Ndahomvye gose, ariko ndanezerewe ko twashoboye kurema utwana tune rukundo rw’ubuzima bwanje, baranezera. Ndizeye vy’ukuri kandi ndasenga kugira Elon hamwe nanje tuzogume turi abagenzi dufashanye no kurera abana. Birababaje, ariko n’umuntu w’ingirakamaro mu buzima bwanje kandi nzokwama nipfuza ko abaho anezerewe. » Bivuga Shivon Zilis

Elon Musk na Shivon Zilis bavyaranye abana bane, muri abo harimwo amahasa Strider na Azure bavutse muri munyonyo umwaka wa 2021 hifashishijwe bwa buhina bw’ivyuma (fécondation in vitro) bavyarana na Arcadia umukobwa yavutse mu mwaka wa 2024 hifashishijwe igitereko c’uwundi mugore( mère porteuse ) hamwe na Seldon Lycurgus agahungu kavutse mu mwaka wa 2025 ukwezi kwa kabiri nako nyene hakoreshejwe bwa buryo bwa fécondation in vitro.

Elon Musk asanzwe afise ku bagore batandukanye abana bashika 14 harimwo uwapfuye mu mwaka wa 2002 haciye iminsi mike avutse. Ikinyamakuru Le Parisien kivuga ko Elon Musk yatanguye ubwa mbere avyara abana batandatu(6) hamwe n’uwahoze ari umugore wiwe Justine Wilson babanye kuva mu mwaka wa 2002 gushika muri 2006.

Aba bagiye gutandukana mu mwaka wa 2008 aza gufatana n’umuririmvyikazi w’umunya Candada Grimes kuva mu mwaka wa 2018 gushika muri 2023 bavyarana abana batatu, aba bari bafashe ingingo yo kuvana buhoro « semi-séparation » kuva mu mwaka wa 2021 inyuma gato y’uko havuka amahasa ya Shivon Zilis.

Ubwa nyuma umwe mubamenyekana(influenceuse) azwi ku mazina ya Ashley St. Clair aremeza ko yavyaranye na Elon Musk agahungu yise Romulus mu mwaka wa 2024

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

« Mu Mana Za Mugera » ikibanza ceranda camyeho kuva imbere y’umuzo w’abazungu camye gihuriramwo abarundi isinzi baje kwambaza Imana.

Clovis NIYONKURU

Abana 32 n’umwigisha bahitanywe n’igisenge c’ishure ryabasenyukiye uyu munsi mu gihugu ca Pakistani

Yves RUSERUKANINEZA

Urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 21 rwaraye rwerekanye impano zarwo muri rya higanwa Shirukamazinda

Ruy NKEMMA

Rwanda: Umutama yabonye umubanyi ahambwe nabi aca ahitamwo kwigurira kare isandugu azohambamwo

Ruy NKEMMA

Bimwe muvyaranga ukurangura amabanga y’abubatse ku mwami w’Uburundi

MPUNDUYERA

Ibihano vyahabwa uwishe umuntu n’igihe vyashika uwishe n’uwiciwe bagasubiza hamwe.

Clovis NIYONKURU

Leave a Comment