Uruhigi ariyo mabanga y’abubatse, Ubunyangari ari bwo twita ubudede umwamikazi yambara, mbega murazi ivy’abwo?
Muri rwa rugendo rwo gutembera mu bibanza vy’itariro ry’akahise ishirahamwe Gisabo_Tours ryatunganirije urwaruka, runo rwaratembereye mu kibanza gikomeye mu mateka y’igihugu aho umwami Mwezi Gisabo yabaye, aho tuvuga akaba ari mu Gishora mu ntara ya Gitega.
Ikinyamakuru Nagaciro Magazine cashimye kwifatanya n’urwo rwaruka muri urwo rugendo, nuko, tuhashitse twakiriwe n’abatimbo badasanzwe mu murisho w’ingoma. Duhejeje kuwutamba twaciye twinjira mu gikorwa co gusigurirwa ibijanye n’umwami mu ngoro iwe aho yabaye koko.
Aha rero twarahamenyeye ibidasanzwe mu bikorwa vy’umwami eka mbere n’umwamikazi muvyo barangurana. Musanzwe muzi ko hari imvugo yisangije yakoreshwa ku bikorwa n’ibihimba vy’umwami itandukanye n’iy’abandi bantu basanzwe. Nk’akarorero ntibavuga ko umwami agiye kuryama, ihibambewe, bavuga ko agiye “kwibaka”, ntibavuga kandi ko “arangura amabanga y’abubatse” bavuga ko “agiye mu ruhigi.”
Iyo hageze uruhigi rero, nk’uko twabisiguriwe n’umwe mubakora kuri ico kigo, umwamikazi yaritegura neza kwakira umwami muri ico gikorwa. Yabanza gusirwa n’incoreke ahejeje ikamwambika ubunyangari mu nda no mw’izosi.
Ubunyangari ni ubudede canke ubuyeye. Ubwo rero ntibwari ubwo gushaza bwafasha ko umwami ahimbarirwa igikorwa c’uruhigi ariyo mabanga y’abubatse kuko yabanza kubukorakora akabunyagaza maze agahimbara umwamikazi.
Umwami yegera umwamikazi wiwe maze agatangura gukora kuri bwa budede bwo munda no mw’izosi gutyo bakuzura akamwemwe maze igikorwa c’uruhigi kikabona gutangura nawe umuhimbiri yaba ari musi y’ikirwa aribwo buriri bw’umwami amukomera amashi.
