PolitikeUbutungane

Ibitari bike biratanguye kumenyekana kuri wa mu pilote aheruka gucumitira mugenzi we mu ndege ashaka kuyogeza inganda

Amatohoza mpuzamakungu ariko aragenda akomera inyuma y’aho umushikiranganji mukuru w’ubutungane mu bihugu vy’abarabu (UAE) yemeje ko igitero co mu kirere cakorewe umupilote mukuru ko ari igikorwa c’iterabwoba categuwe neza.

Gushika kuri uyu mwanya, amakuru mashasha ava mu begereye amatohoza ariko arakorwa aravuga ko umupilote w’umunya Oman, Hammam Al-Hammami, yakoresheje ishoka iba iri mu ndege ikoreshwa mu bihe vy’isanganya isanzwe iboneka mu cumba c’abapilote (crash axe) mu gushaka kwica Kapiteni Smit Machchhar n’ukugwisha indege yari irimwo ingenzi 174 muri zo abany’Israel bakaba bari 166.

Inzego z’umutekano ziremeza ko uwu mupilote ari mubagizi ba nabi bitwaza iterabwoba yari afise umugambi wo kugwisha indege mu kibuga c’indege ca Ben Gurion i Tel Aviv muri Israel cangwa ahandi hantu haboneka abasirikare. Hari n’amakuru avuga ko yari yigeze kugerageza kubikora mu mezi aheze ku rundi rugendo ariko akabivamwo.

Ibibazo bikomeye vyavyutse ku bijanye n’ingene inzego z’isuzuma (background checks) mu mashirahamwe y’indege zikora, nazo ziraheza zikorwako amatohoza uku gukurikira:

Muri Oman Air, amatohoza aremeza ko uwo mugabo yari yarabujijwe kuguruka mu gihugu ciwe ca Oman kubera ko inzego z’umutekano zari zaratahuye ko afise ivyiyumviro vy’akarwi k’intagondwa z’aba islamu inyuma yo kugendera igihugu ca Siriya.

Muri Royal Air Maroc, iki kigo c’indege co mu gihugu ca Maroc co cemeje ko camuhaye imyimenyerezo y’amezi atatu mu mwaka wa 2025, ariko bamaze kubona ingene ameze baranse kumuha akazi.

Muri Buckinghamshire New University, abashinzwe amashuri mu Bwongereza bavuze ko yize ivyo gutwara indege (aviation management) ariko ko atigeze ahabwa imyimenyerezo yo gutwara indege ngaho.

Igipolisi mpuzamakungu ca Ostraliya (AFP – Australian Federal Police) gikorana n’urwego rw’iperereza ASIO camaze kwinjira mu matohoza. Biriko biranurwanurwa ko uwo mupilote yoba yari afise imigenderanire cankwa abayoboke bafise ivyiyumviro nk’ivyiwe baba mu gihugu ca Ostraliya, bituma amatohoza arenga imbibe z’uburasirazuba bwo hagati.

Inzego z’igendereza muri Izrayeli (Channel 12) zatanze uruhusha rwo kwagura amatohoza ku bandi bakozi bose b’indege (équipage). Bariko bagerageza gutahura iminota ikomeye cane kuva aho kapiteni akomeretswa gushika aho ingenzi zimenye umuryango bakamufata, kugira ngo banyurwe neza ko ata wundi muntu muri iyo ndege yari amushigikiye cangwa yari azi uwo mugambi.

Kuri uyu mwanya, uwo mupilote nyene gukora ibara (Hammam Al-Hammami) yakuwe i Tabuk muri Arabiya Sawudite ahabwa inzego z’umutekano z’i Emirates Arabe Uni(UAE) ari nazo zirongoye amatohoza makuru akomeye muri iki gihe, tukabibutsa ko iyi ndege yagize iki kibazo ivuye muri UAE nyene

Nagaciro

Inkomoko: ABC News,Euronews, Al Jazeera+1, Ouest France

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Amakuba umukenyezi n’abana ba Rwagasore bahuye na yo

Ruy NKEMMA

Wa mu pilote yacumitirwa mu kirere na mugenziwe yaganiriye n’umukuru w’igihugu ciwe aho arwariye mu bitaro

Ruy NKEMMA

Mu mwaka wa 2025 ingo zasavye kwahukana zingana ibihumbi bine n’amajana ane na mirongo indwi n’icenda(4479) mu gihugu c’Urwanda

Yves RUSERUKANINEZA

Amazu y’umuryango w’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yasatswe mu gihugu c’Ububiligi kumvo z’amatohoza

Yves RUSERUKANINEZA

Ibimenyetso nsimusiga vyerekana ko Rwagasore ata minsi yari asigaje atishwe

Ruy NKEMMA

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yishikiye kuremesha Samia Suluhu arongoye Tanzania aheruka kubura umufasha.

Ruy NKEMMA

Leave a Comment