PolitikeUtuntu n'utundi

Amakuba umukenyezi n’abana ba Rwagasore bahuye na yo

Umupfasoni wa Rwagasore be n’abana biwe bari mubatigeze bavurwa, ariko nabo bakaba barabonye amakuba ndetse aba boba baranishwe.

Mu nkuru y’urubuga rwa Yaga Burundi yo mu mwaka wa 2020, uru rubuga rwaraciye irya n’ino ikibazo gisa n’uko gikorwako yamara abagikozeko bagasha, ikibazo c’umuryango wa nyakwigendera umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ku mutwe w’inkuru y’uru rubuga haragira hati  » Umupfakazi n’abana ba Rwagasore, abantu bambere bibagiwe muri kahise k’igihugu. »

Urubuga rwa Yaga Burundi ruribaza ruti  » Ibinyamakuru na kahise biratubwira ko Rwagasore yari afise umugore n’abana babiri kandi bose bapfuye ariko amakuba yabashikiye ntavurwa. None vyoba ari ibintu bitavurwa? »

Mu kiganiro uru rubuga rwagiranye n’umukenyezi wa mbere yabaye umushikiranganji muri kahise k’uburundi, umukenyezi Bernadette Bankumuhari yabwiye uru rubuga n’umubabaro mwinshi ati:  » Ndibuka urupfu rubabaje rw’abana biwe, vyari ibintu biteye ubwoba »

Uyu mukenyezi yabandanije agira ati:  » Ibintu bimwe bimwe ntibikwiye kuvurwa kuko vyozana umubabaro urengeje »

Uru rubuga ruvuga ko mbere no mu muryango ata gakacira, aho na Rosa Paula Iribagiza mushiki wa Rwagasore kuri iki kibazo yishuye asa n’uwuhunga kucishura agira ati:  » Ivyo bireke reka tuvuge ivya Rwagasore »

Yaga Burundi rukibaza ico ivyo vyoba bivako.

Umuganwa Rudoviko Rwagasore yishwe amaze imyaka itatu abana na Marie Rose Ntamikevyo umugore wiwe, bakaba bari bamaze kuvyarana udukobwa tubiri, imfura yari hagati y’imyaka ibiri n’itatu uwukurikira, yari afise amezi umunani n’ubwo ata nkuru ibivugako neza kugira bimenyekane.

Umwe mu muryango w’umupfasoni wa Rwagasore atashatse kuvuga umwidondoro wiwe, amenyesha ko aba bana babiri bapfuye barozwe.

Aragira ati:  » N’ubwo tudafise ivyemezo turikeka uburozi. »

Uyu muntu atashatse kwivuga yabwiye Yaga Burundi ko urupfu rwa Rwagasore n’abana biwe rwababaje vy’indengarugero umupfasoni wiwe Marie Rose Ntamikevyo, gushika aho ata umutwe akagira ihahamuka (dépression) aho yashobora kurandamuka akoma induru avuga ati:  » Ngabo baraje nanje kunyica. » yongeye avuga ko uyu mukenyezi yatinya cane intwaro yari ihari.

Yaravuze kandi ko umupfasoni Marie Rose Ntamikevyo atigeze aronka ivyubahiro bihabwa umupfasoni w’umukuru. Yagumye yimuka aho bakibana n’umugabo baba kw’ibarabara ry’ahoze ryitirirwa uwa 28 Munyonyo(28 novembre) amaze gupfakara ategekwa kwimukira mu nzu yari mu bice vya cathédrale Régina Mundi.

Mu nyuma yajanywe mu nzu iri mw’ibarabara ryitiriwe JRR, hama yimukira mu nzu iri hejuru y’ahari Librairie Saint Paul y’ubu.

Urubuga rwa Yaga Burundi rurangiriza ku mamuko y’umupfasoni wa Rwagasore, aho uru rubuga ruvuga ko yava mu gisagara, muri Rohero, akavukana n’abana 9

Uyu mupfasoni umuryango wiwe uvuga ko nawe nyene yahavuye arogwa nk’uko ibipimo(autopsie) vyasabwe na se yari umuganga vyavyerekanye.

Umuryango wa Ntamikevyo ntiwashatse gukurikirana mubutungane ivy’urupfu rw’umukobwa wabo kuko umuryango wavuga ko ataca azuka.

Marie Rose Ntamikevyo yahambwe i Nyabaranda mu gihe umugabo wiwe Rwagasore n’abana biwe babiri bahambwe i Kiriri.

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ibimenyetso icumi biranga umuntu w’incabwenge

Yves RUSERUKANINEZA

Ibitari bike biratanguye kumenyekana kuri wa mu pilote aheruka gucumitira mugenzi we mu ndege ashaka kuyogeza inganda

Ruy NKEMMA

Inyishu Rwagasore yishuye umuryango n’abandi bariko bamubuza kurongora umuhutukazi Marie Rose Ntamikevyo.

Yves RUSERUKANINEZA

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Kimwe mu bihano vyo gupfa vyagenze nabi aho umufungwa Christa Pike yatewe umuti wica incuro zibiri vyanka ko apfa

Yves RUSERUKANINEZA

Leave a Comment