Utuntu n'utundi

Rwanda: Umutama yabonye umubanyi ahambwe nabi aca ahitamwo kwigurira kare isandugu azohambamwo

Umutama yabonye umugabo w’umubanyi ahambwe nabi aca afata ingingo yo gutegura amaziko yiwe.

Ntamuturano Leonidasi umutama w’imyaka irenga 70 ava mugihugu c’urwanda yaraguze isanduga azohambwamwo, ikanzu yera bazomwambika, amatafari yo gusasa kumva yiwe mbere aratanga n’amahera bazoguramwo inzoga bagenda baranwa bagiye kumuhamba.

Nk’uko yavyiganiye umumenyeshamakuru w’imboneshakure yo kumbuga ngurukanabumenyi Afrimax, umutama Leonidasi avuga ko haciye imyaka itandatu aguze iyo sandugu, akaba yayiguze amaze kubabazwa no kubona mugenzi we ahambwe nabi kandi afise amahera.

Leonidasi avuga ko atarota aruhisha umuryango wiwe wirirwa ugura vya ngombwa vyo kumufubisha kandi afise amafaranga yo kugenda avyiteguriye.

Leonidas ngo ntashaka kandi ko hari umugore azomuhamba ari naco gituma yarishe amafaranga y’inzoga zizonwa abagabo bazomuhamba.  »Abagabo bazokwimba bariko baranwa. » niko Leonidasi yagize.

Bamubajije bati: » Nk’ubu ho nibataguhamba uko uvyipfuza we ko uzoba wapfuye hari ico! » Leonidas yishuranye agashavu avuga ko nibatamuhamba uko yabiteguye abipfuriza ukuzopfuma bapfa.

Umunyamakuru wa Afrimax yarongeye amubaza ati: » Mbega none ko iyi sandugu imaze igihe kitari gito ntizohava isaza. » Maze Leonidas utanka araheza amwishura ko naho yoshaka igasaza azogura iyindi.

Ibi bikoresho vyo kumuhambamwo ngo naho vyicaye aho birindiriye igikogwa cavyo, ntavyigungirako kuko ngo iyo hagize umuntu wo mukibano apfa bakabura amatafari canke isandugu bamuhambamwo, araheza akabibagurana munyuma bakazomusubiza.

Muri urwo rukurikirane

Umwungere w’idini ry’abakatolika yarababariye uwamurashe amasasu abiri bituma uyu aza guhindurwa n’urukundo yeretswe n’uwo yashaka kwica.

Ruy NKEMMA

Elon Musk yahukanye iyindi ncuro uwahora ari umugore wiwe nawe akaba yamubwiye amajambo akomeye

Ruy NKEMMA

Wari uzi ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?

Ruy NKEMMA

Indege yahagaritswe kuguruka kubera ingenzi zariwe n’ibihere mu kirere

Ruy NKEMMA

Abana 32 n’umwigisha bahitanywe n’igisenge c’ishure ryabasenyukiye uyu munsi mu gihugu ca Pakistani

Yves RUSERUKANINEZA

Umurwi ukina Ninde urayaga ingabire y’inzu wahawe n’umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi

Ruy NKEMMA

Leave a Comment