ImicoUbutungane

Mu mwaka wa 2025 ingo zasavye kwahukana zingana ibihumbi bine n’amajana ane na mirongo indwi n’icenda(4479) mu gihugu c’Urwanda

Ingo zirenga ibihumbi bine n’amajana ane nizo zasavye kwahukana mu gihigu c’Urwanda mu mwaka wa 2025 wonyene nk’uko ivyegeranyo bishikirizwa n’ikigo National Institute of Statistics of Rwanda biheruka kubitangaza.
Ibi vyegeranyo biratomora ko abubatse bamaranye imyaka iri munsi ya 15 ari bo babonekeza cane muri uku kwahukana.

Ibi vyegeranyo biravuga ko ingo 4 479 zasavye kwahukana izishika 2 629 zikaba zaremerewe kwahukana n’ubutungane mu mwaka wa 2025

Mu gisagara ca Kigali niho hibonekeje igitigiri kinini c’ingo zahukana, aho ingo zishika 1 820 zahukanye i Kigali honyene hagakurikira intara zo mubumanuko aho igitigiri kigera kuri 980 cahukanye, izo mubuseruko 820 mu buraruko 520 muburengero 339 nk’uko iki kigo kibishikiriza.

Ibi vyegeranyo biravuga ko abubatse bamaranye imyaka iri hagati y’itanu na cenda ari bo baza hejuru mu kwahukana aho ingo zishika 1076 ari zo zibonekeje muri urwo rwego, izishika 928 zikaba zaratandukanye mu bubakanye bamaranye imyaka iri hagati ya 10 na 14

Ibi vyegeranyo bivuga ko ibi bibaye mu gihe n’ubu ubutungane buguma bwakira ingo zisaba ukwahukana, nayo bamwe mubarabira hagufi igituma ingo zisambuka bavuga ko kenshi basanze izi ngo zisambuka kubera: ukutumvikana gutewe n’ubukene, ukurenga ibigo, uguhohoterwa mu rugo(domestic violence) uguhahamira ubutunzi, ukubura ikiyago hagati y’abubatse hamwe no kudashitsa ivyo umwe wese ajejwe mu rugo.

Ikinyamakuru The Dawn Rwanda kivuga ko bamwe mubahinga bavuga kandi ko abubatse batari bake bihutira kujana ukutumvikano kwabo muri sentare imbere y’uko bobanje kurondera abagenzi canke abaryango bizeye ngo babumvirize.

Nagaciro

Inkomoko: The Dawn Rwanda

Nagaciro

Muri urwo rukurikirane

Imigani n’ibitito, vyakoreshejwe kuva kera mu kwigisha n’ugushimangira indero y’aho hambere biracafise ikibanza n’ubu, bikoreshejwe neza vyobandanya bifasha abatari bake.

Clovis NIYONKURU

Ibihugu bimwe ntibirota bikuraho igihano co gupfa n’ubwo ari ibihugu vy’abakirisu

Davy IRACADUKUNDA

Bimwe mu vyo twomenya ku ruririrmbo “Burŭndi bwacu” ruhayagiza igihugu c’Uburundi

Clovis NIYONKURU

Ibihano vyahabwa uwishe umuntu n’igihe vyashika uwishe n’uwiciwe bagasubiza hamwe.

Clovis NIYONKURU

Iyo bavuze ko umwigeme agiye mu Burundi bisigura iki, mbega hakurikira iki iyo amaze kuja mu Burundi ?

Clovis NIYONKURU

Ayo umuririmvyi w’umurundi Fizzo yahuye na yo kugira abe uwo ari uyu munsi

Ruy NKEMMA

Leave a Comment