Amazu y’umuryango w’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yasatswe mu gihugu c’Ububiligi aho uyu muryango wagirizwa kunyonora itunga ry’igihugu ku rwego rwo hejuru.
Ugukekwa kunyereza amafaranga ava mu mabuye y’agaciro ya Congo vyatumye abategetsi b’ubutungane mu Bubiligi basaka amazu y’abantu bo mu muryango wa Perezida Félix Tshisekedi.
Amakuru ava mu Bubiligi amenyesha ko abajejwe umutekano bakoze ibikorwa vyo gusaka amazu y’abantu batari bake bo mu muryango wa Félix Tshisekedi, arongoye Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC).
Iryo sakwa ryabaye ku wa 14 Gitugutu 2026, mu gisagara ca Bruxelles no mu turere two mu ntara za Brabant flamand na Brabant wallon, rikaba ryakozwe mu rwego rw’iperereza ry’ubutungane ku makenga yo kunyereza amafaranga.
Iri perereza ryakomotse ku kirego cashikirijwe ubutungane bw’Ububiligi mu mwaka wa 2025 n’amashirahamwe yigenga (ONG) akorera muri Congo, hamwe n’abunganizi mu vy’amategeko.
Abashikirije ico kirego bakeka ko amafaranga ava mu bikorwa vy’amabuye y’agaciro muri Congo ashobora kuba yaranyurujwe, ku buryo atagirira akamaro gahagije igihugu n’abanyagihugu baco.
Ibi birego vyerekeye cane cane ibikorwa vy’amabuye y’agaciro mu ntara za Haut-Katanga na Lualaba, mu buseruko bwo mu bumanuko bwa Congo.
Amakuru yasohowe n’ibinyamakuru mpuzamakungu avuga ko iperereza ryerekeye abantu bo mu muryango wa Perezida Tshisekedi hamwe n’abandi bantu bafitaniye na we imigenderanire ya hafi.
Ubushikiranganji bw’ubutungane mu Bubiligi bwemeje ko ibikorwa vyo gusaka amazu vyabaye, ariko ntibwatanze amazina y’abantu bose bagizweko iryo perereza.
Ikinyamakuru c’abafaransa 7 sur 7 kiravuga ko mu ntango ya Mukakaro umwaka wa 2025 abashingwamanza Bernard Maingain na Brieuc Maingain bajanye ibirego baserukira amashirahamwe yandi yigenga, aho bagiriza abantu icenda bo mu muryango w’umukuru w’igihugu ca Kongo(RDC) ubusuma bukabije bw’amabuye y’agaciro mu ntara ya Lualaba iri muri Haut Katanga.
Muri abo bagirizwa harimwo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Kongo(RDC) abana biwe, abavukanyi b’umukuru w’igihugu n’abavyara biwe ndetse na muramukaziwe, amazu y’agaciro y’uwu muryango akaba ari yo yakozweko isakwa kuri uyu wa 14 Gitugutu 2026
Photo: © AFP
