AmagaraUtuntu n'utundi

Indege yahagaritswe kuguruka kubera ingenzi zariwe n’ibihere mu kirere

Indege Boeing 787 Dreamliner yari ivuye muri Australiya ija mu gihugu c’Ubutaliyano yahuye n’ibibazo kuri uyu wa gatanu aho abari muri yo bariwe n’ibihere(punaise de lit) ikinyamakuru BFMTV kikavuga ko vyabaririye mu kirere nko ku metero 10 000

Ishirahamwe australienne Qantas ryahavuye risivya urundi rugendo rw’iyi ndege rwari rugamije gukura ingenzi i Roma mubutaliyano rukazishikana mu gisagra ca Perth muri Australia. Ingenzi zahavuye zirondererwa iyindi ndege imbere y’uko zitabwaho.

Ikinyamakuru co muri Australia Syndney Morning Herald cavuze ko izi ngenzi zatanguye kwidoga ko ziriko ziribwa n’ibihere urugendo rwatanguye, abakozi bo mu ndege baca baziha imiti yitwa « antihistaminique » nk’uko vyari bihanuwe n’abaganga, ariko n’iyi miti yari iri mu ndege yarahavuye irabaherana.

Indege yahavuye ifatirwa ingingo zo kuguma hasi mu gihugu c’Ubutaliyano iminsi ibiri yose iriko irozwa, bongera bakoresha uburyo bushoboka kugira ibi bihere bivemwo. Ishirahamwe australienne Qantas ryasavye imbabazi kubera ibi vyashikiye abaguzi baryo.

Umuhinga, muvy’udukoko nk’utu kuri kaminuza Macquarie yo muri Australia Michelle Power, yabwiye ikinyamakuru the Guardian ko ibi bihere vyoba vyashitse mu ndege bizanywe n’ingenzi vyinyegeje mw’ishakoshi canke mu mpuzu. Uyu muhinga avuga ko ibihere bikunda ibibanza vyijimye hamwe n’ibibanza bifise umwanya muto cane, nayo ngo bimaze gushika mu ndege bishobora kwinyegeza mu mpuzu zikoze intebe z’indege canke mu mizigo y’abantu. iciyongereyeko, n’uko ibihere ngo bishobora kumara amezi ataco biriye bikabaho.

Muri urwo rukurikirane

Rwanda: Umutama yabonye umubanyi ahambwe nabi aca ahitamwo kwigurira kare isandugu azohambamwo

Ruy NKEMMA

Amakuba umukenyezi n’abana ba Rwagasore bahuye na yo

Ruy NKEMMA

Umurwi ukina Ninde urayaga ingabire y’inzu wahawe n’umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi

Ruy NKEMMA

Uko abahinga babona amagara yo mu mutwe mu bihe vy’amakuba nk’amasanganya y’imiriro n’ibindi

Ruy NKEMMA

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Uwurongoye idini rya katolika kw’isi aracari mubitaro aho aheruka kubarwa agace ko kwihaha

Yves RUSERUKANINEZA

Leave a Comment