Mugihe mu gihugu c’uburundi ivy’amoko vyari vyiganziye imitima y’abatari bake, ndetse bikaba ari navyo vyagiye bironona igihugu no mu myaka yakurikiye, bigatuma abatari bake bicana, umuganwa Rudoviko Rwagasore we ivy’ukwubakana n’uwo badasangiye ubwoko ntaco vyamutwara, igisa n’icerekana ko yari uwipfuza guhuza abarundi bose.
Kuba yaripfuje kwubakana n’umuhutukazi Ntamikevyo badasangiye ubwoko, nawe yarabigizeko ingorane no mu muryango aho mushikiwe yigana avuga ati:
« Bavyakiriye nabi cane, n’abashingantahe bo mu muryango aba oncle baramubujije bati ‘ubwo bwoko nta na rimwe babusabamwo, kandi ukaramuka umutwaye ntuzoba umwami' »
Rwagasore yabishuye ati: » Mbega ninde yababwiye ko nshaka kuba umwami »
N’ubwo babimwankira, Rwagasore yaruhiye kwubakana n’uwo yashimye, umuhutukazi Mari Rose Ntamikevyo banavyarana abana babiri imbere y’uko agandagurwa.
Tubisanga mw’ireresi (documentaire) « La Vie du Prince Louis Rwagasore » yakozwe n’umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi Roland Rugero

