Utuntu n'utundi

Wari uzi ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?

Igihugu ca Costa Rica nico cabaye icambere kw’isi muguhanaguru burundu igisirikare caco kuva mumwaka wa 1948 inyuma y’intambara ihuza abanyagihugu baco (guerre civile)

Kuva ico gihe ico gihugu gifatwa nk’ijuru ryo kw’isi kuko ubuzima bumeze neza cane, kuva aho bafatiye uburyo bwari bwagenewe igisirikare bakabushira mubisata vy’amagara y’abantu, indero ndetse no kuduza imibereho y’abakibamwo bose. Ikinyamakuru cabafaransa France24 co kikakigereranya nubu Suisse bwo muri Amerika.

Costa Rica ni igihugu kiri hagati ya Nicaragua hamwe na Panama muri Amerika yo mubumanuko.

Umukuru w’igihugu w’ico gihe (1948) azwi ku mazina ya José Figueres Ferrer bakaba bamutazira ”Don Pepe” yaritoye asinya itegeko rifuta igisirikare cose aca afata mbere ikambi igisirikare cahora gikoreramwo ayigabira kaminuza y’igihugu nayo ihitamwo kuyigira ikigo c’iratiro ry’akahise c’igihugu cose.

Ikinyamakuru France Info kivuga ko mumyaka icumi gusa icizere co kuramba (espérance de vie) caduze bihagije maze impfu ziragabanuka ku rugero rushimishije(taux de mortalité)

Muvy’indero harabaye ugutera imbere bikomeye ku buryo igihugu coba giharura igitigiri kiri hafi 100% c’abenegihugu bazi gusoma n’ukwandika.

Umwigisha wo kuri kaminuza y’i Costa Rica Daniel Matul ati:” Burya ugufuta burundu igisirikare vyari bikenewe cane kuko mbere igisirikare cari ubwaco kitacumvikana, ivyo vyatumye haba umutekano muvy’inzego.”

Iki gihugu gifise abapolisi gusa nabo nyene bagera kubihumbi 13. Ni n’igihugu giharurwa muvya mbere vyubahiriza ibidukikije aho ico gihugu caronse agashimwe ka ONU bataziriye ”Champions de la Terre”

Inyuma ya Costa Rica harabonetse n’ibindi bihugu bikuraho ibisirikare. Twobamenyesha ko Costa Rica ari igihugu gifise abantu bagera ku miliyoni zitanu.

Muri urwo rukurikirane

Ingendo zishika kuri 9 umuntu yogira umuziro akiri muto kugira azosaze ahimbawe

Clovis NIYONKURU

Umutunzi wa mbere kw’isi Elon Musk aratanguye kwemera ko Imana ibaho

Ruy NKEMMA

Aheruka kwibaruka ku myaka 91 ibiriko bitangaza abatari bake

Ruy NKEMMA

Valentino mweranda umuvunyi w’abakundana ni nde?

Davy IRACADUKUNDA

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Abahinga bavuga ko urukundo rwoba rutarenza imyaka itatu ahubwo riho ngo rurarangira rukagenda

Ruy NKEMMA

Leave a Comment