ImicoImigenzo

Matilida NIYITUNGA umwe mubaryosha igiteramo c’akaranga Rinjora aratuyagira

Izina Matirida Niyitunga n’izina umuntu wese akunze kuza mu giteramo c’akaranga Rinjora aba azi kubera ukwitanga kwiwe muri ico giteramo, na cane cane mu gihimba c’ibisokozo aho Matirida ari mu bantu bazi gusokoranya cane ndetse akazana ibisokozo bitamenyerewe

Mu kiganiro twagiranye n’umwigeme Matirida NIYITUNGA (NIYITUNGA Mathilde) twaramenye vyinshi muvyerekeye akaranga na cane cane ugusokoranya kimwe muvyo azwimwo cane mu giteramo c’akaranga Rinjora

Kimwe mu bibazo yatwishuyeko yavuze ko ivyo gusokoranya basanzwe bakunze kumubonamwo muri Rinjora, aho akunze guhiganwa na Samuel umwe mubari mw’ishirahamwe Umunyinya, abikunda ku buryo naho aba afise izindi nteguro(programmes) zidafashe yitoza utunyoni akazirengagiza canke akazihindurira umwanya kugira ntasibe muri Rinjora gusokoranya.

Kimwe mubamaze kuja muri Rinjora bagenda bagifise inyota yo kubamwo ni ibisokozo, ibi navyo vyitabirwa n’abahari bavyipfuza, ariko Matilida we ntasiba gusokoranya kuko gisanzwe kiri muvyo akunda mu karanga.

Ku kibazo cacu co kumenya icamukundishije akaranga Niyitunga yishuye ati:  » Jewe kweri gukunda akaranga navyisanzemwo kubera havugirwa ibintu vyiza vyaranze abasokuru bacu aho hambere. Rero niho honyene nshobora kuvyumva »

Twarabajije kandi Niyitunga nimba yoba yakuye ibi bisokozo azi bitari bike kubavyeyi canke kubantu ba kera bo mu muryango, kuri iki naco akaba yatubwiye ati:  » Ibisokozo vyinshi ndavyumvira ku bandi bantu. Tukiri bato twarasokoranya ariko nibukamwo bike nkaca ndabiteranya nivyo bahora bambaza muri Rinjora. »

Twarashatse kandi kumenya urya muntu yitwa Samuel yama asokoranya na Matilida muri Rinjora bikaryoha nawe aho yigiye ibisokozo atubwira ko atazi iyo yavyigiye  » Ntitwigeze twigana. Gusa vyishi nka jewe ndavyumvira harya nyene. » bivuga Niyitunga.

Matilda avuga ko akunda ibisokozo kubera bituma umuntu akoresha ubwenge bwiwe mukwishura ati : « Kanatsinda ntawopfa kwishura adakoresheje ubwenge. »

Kuvyerekeye inkono yama iriko iratigita ku ziko igiteramo Rinjora kiriko kiraba, aho iyi nkono iba itetse nk’ibijumbu vy’amaganda n’utundi, iyo kandi Matilida akunda kuza araraba yegenyeza inkwi kugira bishe neza, twaramubajije igituma kenshi afashanya n’abandi muguteka iyi nkoko atubwira ko mu buzima bwiwe asanzwe akunda guteka.

Muri uku gukunda guteka arakunda cane guteka ibifungurwa kavukire akabiteka mu buryo bw’aho hambere. Kuri iki aheza agira ati  » Ikijumbu gisanzwe kiri no mubifungurwa nkunda cane »

Rinjora ni kimwe mubiteramo bishira imbere akaranga k’uburundi aho abitabira ico giteramo bagerageza kuba mu migenzo hamwe n’ivyaranze uburundi bw’aho hambere.
Twongere twibutse ko Rinjora igira iya 29 izoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Gitugutu 2026 (30//10//2026)

Muri urwo rukurikirane

Mu mwaka wa 2025 ingo zasavye kwahukana zingana ibihumbi bine n’amajana ane na mirongo indwi n’icenda(4479) mu gihugu c’Urwanda

Yves RUSERUKANINEZA

Elon Musk yahukanye iyindi ncuro uwahora ari umugore wiwe nawe akaba yamubwiye amajambo akomeye

Ruy NKEMMA

Christophe Matata umuririmvyi atariko arahanagurika mu mitima y’abarundi ubu vuba

Ruy NKEMMA

Mu marira menshi n’ibigumbagumba umuririmvyikazi Celine Dion yaraye agize igiteramo inyuma y’imyaka 6 akitswe n’amagara

Yves RUSERUKANINEZA

Intambo n’umurisho w’ingoma n’ivyiza Uburundi bw’irata, izi zigahurumbirwa n’abarundi ubwabo n’abanyamahanga badasigaye inyuma.

MPUNDUYERA

Imigani n’ibitito, vyakoreshejwe kuva kera mu kwigisha n’ugushimangira indero y’aho hambere biracafise ikibanza n’ubu, bikoreshejwe neza vyobandanya bifasha abatari bake.

Clovis NIYONKURU

Leave a Comment