Abepiskopi b’Urwanda n’Uburundi barasaba ko imbibe zimaze imyaka iri hafi yo kuba itatu zugaye hagati y’ibi bihugu vyabo bibiri zokwugururwa. Ivyo babishikirije mu nama y’ishirahamwe rihuza abepiskopi b’Uburundi n’Urwanda rizwi nka ACOREB inama iriko ibera i Bujumbura ikaba ari kandi inama igamije kwigira hamwe ibibazo biri muri Ekleziya n’ibiri mubanyagihugu.
Uwurongoye abepiskopi katolika mu Rwanda, Antoine Cardinal Kambanda yavuze ko n’ubwo bibagora guhura kubera imbibe zugaye, bakora uko bashoboye kugira ngo babonane kabiri mu mwaka.
Uyu aragira ati “Ibi tubikora kugira ngo duhumurize umuryango w’abakirisu b’ibihugu vyose, kugira tubandanye kubaha icizere no kubereka ko nubwo hari intambamyi, umuvukano wacu ufise ico usangiye. Tubandanya kurengera izo ntambamyi kugira ngo dushobore guhura.”
Mw’itangazo iri shirahamwe ry’aba bepiskopi bo muri ibi bihugu bibiri ACOREB ryashizwe ahabona kuri uyu wa 12 Munyonyo 2026, iri shirahamwe ryavuze ko Abepisikopi Gatolika bo mu Rwanda n’u Burundi bababajwe n’uko izi mbibe zicugaye, ryongera risaba ko imbibe zokwugururwa ku nyungu z’abanyagihugu.
Iri tangazo riragira riti: “Tubabajwe n’uko imbibe zo ku butaka buhuza u Rwanda n’u Burundi zicugaye. Turiyumvira ko iyi ngingo ibandanya kubangamira abanyagihugu b’ibi bihugu vyose. Turongera gusaba leta z’ibihugu vyacu kubandanya ibiganiro bifise intumbero yo kunoza umubano wavyo no kwongera kwugurura imbibe.”
Twobamenyesha ko inama y’iri shirahamwe ry’abepiskopi b’ibi bihugu bibiri(ACOREB) yaheruka kuba mu kwezi kwa gatatu (Ntwarante) ikaba yabereye mu gihugu c’u Rwanda, inama nayo nyene bari basavye ko imbibe zugaye zokwugururwa, ikinyamakuru IGIHE canditse kuri iyi nkuru kikavuga ko ata cizere c’uku imbibe zigiye kwugururwa kuko ata biganiro biherutse guhuza intumwa z’ibi bihugu.
Nagaciro
Inkomoko: IGIHE
