Uyu musi tuyage gato kw’ishengero rya #adventiste benshi tuzi kw’izina ry’abadiva. Mbega iryo shengero ryatanguye gute? Rishingiye inyigisho zaryo kuki? Hoho mu Burundi ryahashitse ryari? Ngivyo ivyo tugomba twigire hamwe muri ino nkuru twabateguriye.
Intangamarara
Ishengero ry’aba #adventistes ni rimwe mu mashengero yitirirwa abakristu (abakristo) ariko ntiryatanguranye n’igihe ca Yezu Kristu (Yesu Kristo). Uyu musi rirakwiragiye mu bihugu bitari bike (bishika 200) rikaba riza kw’isonga ry’amashengero y’abaporoti amaze gushika henshi kw’isi kandi rifise n’abanywanyi barenga imiriyoni mirongo ibiri. Muri bo ababatijwe barashika imiriyoni cumi na zitandatu. Ivyo biharuro tubikesha urusasuma rwagizwe mu mwaka w’2022. Aba #adventistes rero ni ishengero mpuzamakungu ryitunganije buhorobuhoro. Twinjire mw’ido n’ido rya kahise karyo.
1 Ishengero ry’abadiva ryatanguye gute?
Ijambo “adventiste” rifise inkomoko mu rurimi rw’ikilatini aho rivugwa “#adventus” risigura “umuzo, amaza”. Twobamenyesha ko iryo jambo nyene “adventus” ari ryo ritanga izina ry’igihe ca mbere c’umwaka wa liturujiya y’Ekleziya Katolika “#avent=ubushikiro”. Iryo shengero ryiswe adventiste kubera ko abaritanguje bari biteze ko umuzo wa Yesu Kristo ugiye gushika vuba.
Hari mu kinjana ca 19 aho uwitwa William Miller yigisha ko umuhero w’isi ariyo maza y’Umukama uzoba kw’itariki 22 Gitugutu 1844. Niho hariya muri Reta zunze ubumwe za Amerika neza na neza muri reta ya New York abantu batangura kwitegurira uwo musi bibwira ko uhambaye.
Uwo Miller yafatira ku gisomwa kiri mu gitabu ca Bibliya c’umuhanuzi Danieli 8,14. Ntiyari wenyene kuko hariho n’abandi benshi basigura ko Danieli yabuye amaza ya Kristo muri ico kiringo.
Ariko rya sango rishitse, wa muhero ntiwabaye, bica bituma abantu batakaza umwizero muri iryo yerekwa barareka no kwemera. Miller amaze kwemera ko yihenze, abari bamukurikiye baca bicamwo imigwi itatu ariko uwakomeye cane urakwira henshi gusumba iyindi uba umugwi wahavuye witwa “église adventiste du septième jour” (ishengero ry’abadivantiste b’umusi ugira indwi). Iryo shengero ryatangujwe n’abapasitori Joseph Bates, James White hamwe n’umufasha wiwe Ellen White; aho hari mu 1860. Indinganizo yaryo ya mbere nk’ishengero bwite yabonetse muri Rusama 1863 ahitwa Michigan muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
2 Aba adventistes bigisha iki?
Icambere mwomenya nuko ishengero ry’abadiva ari rimwe mu mashengero y’abaporotisanti. Ivyo bisigura ko vyinshi mu nyigisho zabo babihurizako. Aha twovuga nk’inyigisho ishingiye kuri Bibiliya gusa (Sola scriptura), iy’uko urukiza atahandi ruva atari mu kwemera Yesu Kristo (Sola fide), iy’Ubutatu Bweranda n’ibatisimu yo mu mazi menshi kandi y’abakuze.
Naho biri uko, baritandukanya n’abandi baporoti mu kwigisha cane ivy’igaruka rya Kristo aho bemera ko azoza vuba hatarinze kubaho ya myaka igihumbi tubona mu gitabu c’Ivyahishuwe 20,4-10, ivyerekeye ihimbazwa ry’umusi w’isabato nk’umusi w’Imana bavuga ko ari umusi w’akaruhuko (nico ijambo ry’igihebreyi “sabbat” risigura) twita #samedi ariwo musi w’indwi watanze n’izina ryabo. Bigisha kandi ko ata juru rihari ahubwo ko intungane zizozuka kugira zibeho imyaka yose mw’isi nshasha itagira urupfu.

3 Ishika ry’abadiva mu Burundi
Ishengero ry’abadiva ryashitse mu Burundi inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose yabaye hagati y’imyaka 1914-1918. Umumisiyonari w’umubirigi yitwa David Elias Delhove niwe yashinze misiyoni y’abadivantiste mu Burundi mu mwaka w’1925 avuye mu Rwanda ahitwa Gitwe. Yaje aherekejwe n’abanyarwanda bamufashije kwegera abarundi yarasanze ahitwa Buganda mu ntara ya kera ya Cibitoke. Aho niho hambere inyigisho y’abadivantiste yashikiye canecane kuko hari kure y’aho abamisiyonari b’abakatorika bari bigaruriye.
Umurundi wa mbere yabatijwe mw’ishengero ry’abadiva yaronkeye umubatizo (ibatisimu) mu ruzi Kaburantwa mu 1928. Ishengero ry’abadivantiste b’umusi ugira indwi ryemerewe gukora ku mugaragaro n’ingingo y’umwami yo mu mwaka w’1929.
Kuva i Buganda abamisiyonari barahavuye bashika i Ndora aho bagize uwundi mugwa mukuru w’ishengero ryabo mu 1928. Buganda na Ndora zabaye ivyicaro bikuru vy’ishengero mu Burundi gushika hashingwe icicaro c’i Gitega muri 1964. Vyinshi kuri kahise k’idini ry’abasabato mu Burundi mwovyisomera ku rubuga rwaryo bumadventiste.org.
UMUSOZO
Mu gusozera, turabona ko ishengero ry’abadivantiste b’umusi ugira indwi ari ishengero ryavukiye muri Amerika mu mwaka wa 1860 rishinzwe n’abubakanye James na Ellen White naho ryaje kwemerwa mu 1863. Ni ishengero rimwe muyo twita “y’ikanguriro” (églises de réveil) rikaba ryavutse ngo rihamagarire abantu bose kwitega umuzo wa Yesu Kristo wimirije. Abanywanyi baryo bahimbaza ku buryo budasanzwe isabato nk’uko abayuda bayihimbaza ku musi ab’ubu twita uwa gatandatu aho birinda gukora icitwa igikorwa cose uretse gusenga. Abasengera mw’iryo dini ni abakristu b’abaporoti, ni ukuvuga badasangiye ukwemera na Ekleziya Katolika, mbere bari kure yayo mu nyigisho zitari nke na canecane mu gusigura Bibliya nyeranda. Niryo shengero ry’abaporoti riri mu bihugu vyinshi kw’isi kandi rigendera akarangamutima ko kwubahiriza umwidegemvyo mu vy’ukwemera (#liberté religieuse).
Aha mwomenya ko mu banywanyi baryo ari ibice 8 kw’ijana vyonyene baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ngaha iwacu mu Burundi iryo shengero ryahashitse mu 1925 rikaba rimaze kwegeranya abakristo bagera ku bihumbi 200 kuva aho umurundi wa mbere abatijwe mu 1928. Riramaze kuronka abapasitori b’abarundi kuko n’ubu abarirongoye mu gihugu cacu ni imvukira.
