Uncategorized

Zimwe mu mpari zabaye mw’ishengero rya Katolika kugira Mariya ahabwe ikibanza n’icubahiro afise ubu mw’iryo shengero.

Mariya nyina wa Yezu/Yesu yoba yaravyaye abandi bana? Mbega si umugore nk’abandi? Mu vyo bamwe n’abandi bamuvugako ukuri ni ukuhe?

Twarinjiye mu kwezi kwa Gitugutu kwahariwe irozari n’umuvyeyi Bikira Mariya ku bemera bo muri Ekleziya Gatolika. Reka turabire hamwe ingingo z’ukwemera (dogmes) zine zimwerekeye.

Ishengero rya Gatolika ryaremeje mu myaka ibihumbi bibiri rimaze rivutse ingingo z’ukwemera twita “dogmes” canke “vérités de foi”. Muri izo harimwo izishika kuri zine zerekeye Bikira Mariya nyina w’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni ingingo ziraba ubuvyeyi bwiwe, isamwa n’iyurizwa mw’ijuru vyiwe.

1. Mariya ni Nyina w’Imana

Iyi ngingo yemejwe icese n’inama nkuru y’Ekleziya #concile yabereye i Efezi muri 431. Iyo nama yahuje abepiskopi bose kugira bige ibibazo vyerekeye ubuntu n’ubumana (nature humano-divine) vya Yezu/Yesu. Ivyo vyarateye impari zitari nke kuko hari abatari bemera ko Mariya ari nyina w’Imana, ko yavyaye umuntu Yezu/Yesu gusa. Mu gutora umuti w’izo mpari, iyo nama yahavuye yemeza ko vy’ukuri Mariya akwiye kwitwa nyina w’Imana, umuvyeyi w’Imana, uwavyaye Imana. Kukaba nkako umwana yavyaye ntiyabaye Imana mu nyuma amaze kuvuka agasohoka mu mbanyi ya nyina ahubwo yamye ari Imana nka Se araheza yiha umubiri mu nda y’umubikira (umwigeme) Mariya.

2. Mariya yamye ari umubikira

Mariya nyina wa Yezu/Yesu ntiyigeze atakaza ubusugi bwiwe mu buzima bwose. Iyi ngingo y’ukwemera ni imwe mu zigora gutahura abatari bake. Kandi kubera batayitahura bibatuma batayemera. Ariko abakristu bamye bavyemera kuva mu ntango. Ntibahengeshanije kumuhamagara Bikira (ijambo risigura umukobwa w’isugi) Mariya. Ico bikoze iyo ngingo yemejwe n’Ekleziya mu nama yabereye i Konsitantinople ubugira kabiri mu mwaka wa 553. Isigura ko Mariya atigeze ahuza ibitsina n’umugabo, ko yagumanye ubutore bw’umwigeme gushika arinde arenguka i bukama.

Yamara n’aho biri uko, Ekleziya Katolika ntihagarara cane kuvyo twokwita ibimenyetso vy’ubusugi nk’ince (hymen) za Bikira Mariya. Si mu buryo bw’umubiri rero umuntu akwiye gutahura ububikira bwa Mariya ahubwo yotegera ko Yezu mu kwigira umuntu akavyarwa na Mariya ntabwo yatosekaje ububikira bwiwe. Mbere nta bandi bana basangiye imbanyi kuko ntawundi yigeze asamwa ku bubasha bwa Mutima Mweranda.

Hari bamwe bahakana ko ata mugore yovyara akaguma ari isugi bafatiye ku bushakashatsi bw’abaganga ariko ukwemera kw’abakristu Katolika ntigushingiye ku bumenyi n’insobanuro z’abahinga mu magara y’abantu, “kuko atakinanira Imana”.

3. Mariya yasamwe ata gicumuro

Iyi ngingo(dogme) ivuga ko Bikira Mariya ni we muntu wenyene atanduye agatosi k’igicumuro c’inyanduruko. Yaragikingiwe n’inema y’Imana kuva agisamwa mu nda ya nyina wiwe Ana. Ibindi bicumuro vyose ntivyamukozeko kuko Ekleziya yemera ko abantu bacumura kubera inkurikizi z’igicumuro c’inyanduruko twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva. Iyo ngingo y’ukwemera n’ubwo ari iya kera cane muri Ekleziya yemejwe icese na Papa Piyo w’9 igenekerezo rya 8 Kigarama 1854. Ni kw’iyo tariki nyene umusi mukuru cane wayigenewe uhimbarizwako uko umwaka utashe muri Ekleziya Gatolika.

4. Mariya yurijwe mw’ijuru umutima n’umubiri

Igenekerezo rya 1 Munyonyo 1950 niho umupapa yitwa Piyo w’12 yemeza icese nk’ukuri kw’Imana ko Bikira Mariya yurijwe mw’ijuru umutima n’umubiri amaze kurangiza urugendo rwiwe rw’ubuzima bwo ngaha kw’isi. Iyo ngingo yayifashe amaze kugirisha inama abepiskopi bose mu kubandikira ababaza ko bavyemera. Inyishu zabonetse zamuhaye icemezo c’uko bikwiye ko ayishinga.

Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya (Assomption) ryahimbajwe kuva mu myaka ya mbere y’Ekleziya naho watanguye ari umusi mukuru w’ugusinzira (dormition) kwa Bikira Mariya.

Ni ingingo iranga umuhamagaro w’ubweranda abakirisu bose basangiye: nk’uko Mariya yazukanye umubiri n’umutima akurizwa mw’ijuru ngo asangire ubuninahazwa n’umwana wiwe niko n’abakristu bazozukana umubiri n’umutima ngo bibereho imyaka yose na Yezu/Yesu mw’ijuru ubuzima budahera.

Uwo musi mukuru uhimbazwa kuwa 15 Myandagaro aho ubera akaryo abakristu katolika b’ino iwacu mu Burundi ko kugira ingendo nyeranda (pèlerinages) kandi muri uno mwaka niwo musi abakirisu Katolika bagabaniyeko bazilika ya mbere mu Burundi hariya i Mugera ahashinzwe icicaro (cathédrale )c’umwepiskopi wa mbere wo mu Burundi.

Leave a Comment