Mu marira menshi n’ibigumbagumba umuririmvyikazi Celine Dion yaraye agarutse kuri scene muri concert inyuma y’imyaka 6 yarahagaritse ibiteramo kubera ingwara ifata inyama z’umubiri.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2026 abafaransa bo mu gisagara ca Paris sibo babonye umuririmvyikazi rurangiranwa Celine Dion arashitse ahakirurutse(scène) mu nyubakwa amahero izwi nka Plenitude Arena.
Inyuma y’imyaka itandatu adakoze ibiteramo kubera ingwara ifata inyama zo mu mihogo ingwara izwi nka syndrome de la personne raide, umuririmvyikazi w’umunya Quebec(Canada) Celine Dion yagarutse afise ububasha n’ingoga nyinshi n’ubwo ijwi ryiwe ritaramera neza cane.
Ikinyamakuru 20 Minutes kivuga ko yinjiye ku ndirimbo yiwe « On ne change pas » indirimbo isa n’uko yashatse kwerekana ko n’ubwo haciyemwo ingwara, itashoboye guhanagura urukundo afitiye abakunzi biwe canke urwo afitiye ukuririmba.
Mu minota ya mbere Ntivyamukundiye ko yihangana yasanze yakoroye amosozi, n’akajwi gatuje kandi kumvikana ko katarakomera gose, Celine Dion yagiriyemwo abwira abakunzi biwe ati:
» Murakoze cane, nari niyemeje ko ntaza kurira none nsanze ntakurikiza ingingo nigiriye. Nari ndabikumbuye aya n’amarira y’umunezero, numve nezerejwe cane no gusubira kubabona. »

Uyu muririmvyikazi w’imyaka 58 yaririmbiye imbere y’abantu isinzi bashika ku bihumbi mirongo itatu na bitanu, ikinyamakuru 20 Minutes kikaba kivuga ko Celine atataye ka karanga kiwe ko kuryosha igiteramo n’ubwo atagifise ka kajwi ko hejuru, aho washobora kw’umva ko hari amanota ya muzika amwe amwe yo hejuru adashobora gushikako nk’uko yahoze aho hambere.
Akikujwe n’abanyamuzika umunani, hamwe n’abaririmvyi bane, Celine yarasubiye abwira abafaransa ati: « Nari narabemereye ko nzogaruka. Ndahagaze ngaha kuri scène muri iki gisagara nkunda cane. Murakoze cane ku rukundo rwanyu. » Celine yabandanije agira ati: « Urugendo rwahavuye ruba runini kuruta uko nari ndavyiteze, ariko nagumyeko. Hari hariho icizere gito cane ariko je naravyizera ko bishoboka, hanyuma izuba riri imbere yanje. Kuri uyu mugoroba nza kubaririmbira nongere niririmbire, nza kuririmba ubuzima »
Celine Dion agarutse mu gihe abafaransa batari bakimuha agahengwe aho abatari bake bahora baguma bakoraniye mw’ihoteli amazemwo iminsi kugira barabe ko bogirirwa ibakwe ryo kumubona vyonyene.
Yaririmvye indirimbo nyinshi z’igifaransa harimwo cane cane izo yandikiwe n’umuririmvyi akomeye w’umufaransa Jean-Jacques Goldman, indirimbo nka « Destin », « Encore un soir », « Les derniers seront les premiers », « Tout l’or des hommes », « Un garçon pas comme les autres (Ziggy) », « Ne bouge pas », « Dans un autre monde »,

Ikinyamakuru 20 Minutes kivuga ko ku ndirimbo « The Power of Love » yadugije ijwi bitangaje aratinda arashika kw’inota benshi bari bamurindiriyeko aho iri sinzi ry’abantu ryaciye rikoma induru y’umunezero rikoma amashi.
Iki kinyamakuru kivuga kandi ko ashitse ku ndirimbo « The Chase » yarihenze gato arahagarika indirimbo aca agira ati : « Mumbabariri, twoshobora kuyitangura kandi? nihenze gato » uyu muririmvyikazi ahejeje gusaba imbabazi kuri aka kantu kari gahejeje gushika yongeye agira ati: « Meze neza, narize kubaho mfise iyi ngwara Kwama mpura nayo nize kubana nayo. Hanyuma nafashe ingingo yo kubihinduramwo inguvu zanje zo kubaho. »
Imwe mu ndirimbo zari zirindiriwe cane yatumye abantu bose bahaguruka yari indirimbo » J’irai où tu iras » ivyatumye abantu bose bamubonamwo umuririmvyikazi anezerewe, eka mbere atangaje. Ku ndirimbo « It’s All Coming Back to Me Now » hari ikorare yaciye ija kumufasha kuririmba vyose bica biraryoha, ariko hageze iyizwi nka « Pour que tu m’aimes encore » abanya Paris bari ngaho bose bagize ibigumbagumba.
Michael Goldman umuhungu wa Jean-Jacques Goldman umuririmvyi w’igihangange yandikiye indirimbo zitari nke Celine, yaciye aja kuririmba aranatamba ibirori birushiriza kuryoha imbere y’uko Celine asezera n’indirimbo « S’il suffisait d’aimer »
Nagaciro
Image: ©THOMAS SAMSON / AFP

