AmagaraUtuntu n'utundi

Yemeye kwiyerekana hose muvy’ubunyamideri kandi arwaye ingwara ituma umubiri wiwe usaza akiri umwana

Sara Geurts afise ingwara ituma urukoba rwiwe rusaza akiri muto cane ariko akaba yize uko yobivyaza inyungu

Igihe Sara Geurts yagirana ikiganiro n’ikinyamakuru c’abanyamerika Barcroft TV (nouvelle fenêtre) yari afise imyaka 26 ariko iki kinyamakuru kivuga ko umuraba womenga arafise iyindi 30 irengako kubera urukoba rwiwe rusa n’urw’abasaza.

Uyu mwigeme yafashwe na Syndrome d’Ehler-Danlos ingwara yo mubisokuru(maladie génétique) irigita icunyunyu bita collagène mu mubiri wiwe, iki kikaba ari naco gisanzwe kibungabunga urukoba bigaca bituma ku myaka 26 Sara asa n’umutamakazi w’imyaka 70

N’ubwo bimeze uko Sara Geurts ntiyigeze yemera kugira uko umubiri ugize, ngo yigunge canke yihebure, yaciye nyabuna yiga kuvyaza umusaruro umubiri wiwe uko umeze atangura kuwerekana hose mu kuba umunya mideri bamwe berekana umubiri wabo(mannequin)

Mu mwakwa wa 2015 Sara yiyandikishije mw’isekeza « Love your lines » rihayagiza ibikomere canke ibindi biri ku mubiri w’umukenyezi bikabatera kwiyanka. Kuvyerekeye intumbero nyamukuru yatumye Sara abijamwo, uyu agaira ati:  » Nibaza ko nzoba uwuserukira abarwaye iyi ngwara ya syndrome d’Ehler-Danlos »

Sara, ntiyibagiye kandi gutera intege abakenyezi bafise ivyo banka ku mubiri wabo mu kugira ati:  » Ikintu cose mwanka ku mubiri wanyu ni kimwe muvyo mwisangije, gisigura inkuru yanyu, gisigura uwo muri, kigasigura kandi inzira mwaciyemwo » bivuga Sara Guerts

Muri urwo rukurikirane

Muri Guatemala umwigeme yazutse haciye igihe yapfuye bamaze no kumushira mw’isandugu

Ruy NKEMMA

Ubundi bwoko bw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa

Yves RUSERUKANINEZA

Wari uzi ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?

Ruy NKEMMA

Abana 32 n’umwigisha bahitanywe n’igisenge c’ishure ryabasenyukiye uyu munsi mu gihugu ca Pakistani

Yves RUSERUKANINEZA

Uko benshi bibaza ubusugi bw’igitsina gore n’uko biri vy’ukuri.

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Leave a Comment