Ubutungane

Burundi: Amasasu menshi yumvikanye mw’itongo ry’abapfuye muri Komine Matongo

Umurwi w’abantu bari bagiye kumena imva muri Butanyerera watumye igipolisi kirasa amasasu atari make kugira giteshe ubu bugizi bwa nabi.

Mw’ijoro ryaraye rikeye(11/12/026) harumvikanye amasasu menshi ku mutumba wa Mvumvu uri muri komine Matongo, aho amakuru yamenyekanye avuga ko ari umurwi w’abantu bariko bagerageza gusambagura imva iri mw’itongo ry’abapfuye riri ku mutumba wa Mvumvu bica bituma igipolisi c’ugurura umuriro, amasasu menshi akaba yarumvikanye nk’uko ikinyamakuru Isanganiro (Radio-Télévision Isanganiro) kivyandika.

Iki kinyamakuru kivuga ko atari irya mbere iyi mva isamburwa aho nko muri ruheshi uyu mwaka nyene, iyi mva yabomowe bakuramwo ikiziga c’umuhisi bagica umutwe, umutwe nawo ukaba wagiye gutorwa ku mutumba wa Ruganza. Isanganiro ivuga kandi ko iyi mva yahatswe no kubomorwa ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, mu ntwaro bakaba bemeza aya makuru bakavuga ko batewe impungenge n’ubugizi bwa nabi nk’ubu.

Abajejwe intwaro bavuga ko kuva muri Rusama 2026, imva zitanu ari zo zimaze gusamburwa ibiziga bimwe bicibwa imitwe, abantu bagera kuri babiri akaba ari bo bamaze kwagirwa n’ico caha bakaba baraciriwe n’imanza.

Muri urwo rukurikirane

Mu mwaka wa 2025 ingo zasavye kwahukana zingana ibihumbi bine n’amajana ane na mirongo indwi n’icenda(4479) mu gihugu c’Urwanda

Yves RUSERUKANINEZA

Kimwe mu bihano vyo gupfa vyagenze nabi aho umufungwa Christa Pike yatewe umuti wica incuro zibiri vyanka ko apfa

Yves RUSERUKANINEZA

Amazu y’umuryango w’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yasatswe mu gihugu c’Ububiligi kumvo z’amatohoza

Yves RUSERUKANINEZA

Ibitari bike biratanguye kumenyekana kuri wa mu pilote aheruka gucumitira mugenzi we mu ndege ashaka kuyogeza inganda

Ruy NKEMMA

Abategetsi b’Urwanda bahagurukiye abitwaza inyambaro z’abakenyezi mu kubahohotera

Ruy NKEMMA

Ibimenyetso nsimusiga vyerekana ko Rwagasore ata minsi yari asigaje atishwe

Ruy NKEMMA

Leave a Comment