Ubuhinga bwo kwibaruka biciye mu buryo « fécondation in vitro » bwaraye buhaye ikibondo abarundi bari babanye bamaze imyaka 20 batararonka ikibondo.
Jean Bosco Habonimana na Pascaline Nayuburundi ni abubatse babiri bari bamaranye imyaka 20 atakibondo bararonka aba bakaba bahavuye bitura « fondation Bonne action umugiraneza » ikigo catangujwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye, muvyo gifasha bitandukanye hakaba harimwo n’ivyamagara meza ari vyo dusangamwo ubu buryo bwa « fécondation in vitro »
Urubuga ngurukanabumenyi mpuzamakungu ruvuga kuvy’amagara y’abantu « PasseportSanté » rusigura uburyo bwa fécondation In Vitro (FIV) nk’uburyo bufasha guhuza imbuto z’umugabo(spermatozoïdes) hamwe n’irigi ry’umukenyezi (Ovule) bigahurizwa muvyuma bigaheza bigatanga ibaho ry’ikibondo, iki naco kigasubizwa mugitereko c’uwuzocibaruka ivyo bita mubuhinga bw’ivyamagara y’abantu « transfert embryonnaire ».

Habonimana Bosco na Pascaline Nayuburundi bavuga ko bari bamaze imyaka 20 bubatse atakibondo bari barigeze baronka. Nk’uko vyandikwa na RTNB, aba baremeza ko atako batagize ngo baronke ikibondo eka mbere baja no kwivuza mu bindi bihugu biba ivy’ubusa. Uyu munsi uyu muryango urashima cane Imana yabateye iteka ryo kwitwa abavyeyi, batibagiye kandi gushimira umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yatanguje uyu mugambi wo gufasha kuronka uruvyaro kubarubuze.
Si Jean Bosco na Pascaline gusa baronse ikibondo, ahubwo aba bari mu miryango ine iheruka kwibaruka biciye muri ubu buhinga ubu ikaba igiye guheka nk’abandi bavyeyi, iyi miryango ikaba yari yagendewe n’ubuyobozi bwo muri Fondation Bonne Action Umugiraneza n’abakozi bayo aho bari bagiye kubakeza.
Liliane Nkengurutse, umunyamabanga nshingwabikorwa mu biro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu bijejwe iterambere amenyesha ko we n’abo bari kumwe baserukiye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu mu gikorwa co gukeza abavyeyi bane bibarutse biciye mu buhinga bwa « fécondation in vitro »

Liliane Nkengurutse amenyesha ko ubushobozi n’abaganga babinonosoye bahari, akamenyesha abarundi ko batosubira kwama baja kuronderera hanze ubuhinga busanzwe buhari mu Burundi mu gihe hari n’abo hanze y’igihugu baza barondera gufashwa kandi bagatunganirizwa.
Nagaciro
Inkomoko: RTNB, PasseportSanté
Isanamu: ©RTNB
