Amagara

Ubundi bwoko bw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa

Umwigeme Bernadette Niyoyitungira asanzwe agendana ubumuga ariyamiriza inyifato isa n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa.

Ni muciyumviro kiri mu rurimi rw’icongereza umwigeme w’umurundikazi Bernadette Niyoyitungira asanzwe agendana ubumuga bw’ukuguru, yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yagize ati:

 » Ibibazo abantu bamwe bamwe babaza abantu bagendana ubumuga birabishe kandi biraruhisha. Mbega bisigura ko ikintu cambere umuntu yobaza umwigeme agendana ubumuga ari icerekeye imibonano mpuzabitsina? »

Bernadette abandanya ati: « Mbega ni kuki umuntu atomubaza ahubwo ico yoba akeneye mu buzima kugira akure mu bwigenge yongere ashobore kwibeshaho?

Turabinginze bantu muhagarike kubaza ivyo bibazo.

Abandi mbere bo uza wumva ngo: ‘Numva nipfuza kugira imibonano mpuzabitsina n’umuntu agendana ubumuga.’ Iyo n’impwemu y’amashetani iri muri mwebwe, murakeneye gukizwa. » Ni umwigeme Bernadette Niyoyitungira avyigana.

Mbega ibi vyoba vyashikiye Bernadette we ubwiwe?

Ikinyamakuru nagaciro Magazine caragerageje kwegera uyu mwigeme kugira atuyagire niba ariwe vyoba vyarabayeko canke bagenziwe, nawe araheza yishura ati:

 » Nivyo mbayemwo ahubwo bingeze ahantu. »

Twagerageje kumubaza ko izi ngorane yoba yibaza ko zishikira n’abigeme batagendana ubumuga, atubwira ko n’abatagendana ubumuga bibashikira ariko ko abagendana ubumuga bo biri ku rwego rwo hejuru.

Umwigeme Bernadette abandanya avuga ko hari n’ibindi bibazo biteye isoni babaza abigeme bagendana ubumuga, kandi rimwe na rimwe mbere ugasanga uwubibabajije ntibanamenyeranye.

« Bariha n’uruhusha rwo kukubaza ingene ukora imibonano mpuzabitsina hari n’igihe mutaba munamenyeranye, ndetse naho mwoba mumenyeranye ntaruhusha ruhari rwo gushoka ubaza ibintu nk’ivyo » ni Bernadette Niyoyitungira avyigana.

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ruy NKEMMA

Uko benshi bibaza ubusugi bw’igitsina gore n’uko biri vy’ukuri.

Davy IRACADUKUNDA

Amwe mu mabanga yinyegeje muco twita « Ubusugi »

Davy IRACADUKUNDA

Leave a Comment